Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyuma yo kurongorwa na inarume yavyaye abana bafise ubwoya umubiri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Inyuma yo kurongorwa na inarume yavyaye abana bafise ubwoya umubiri (...)

Inyuma yo kurongorwa na inarume yavyaye abana bafise ubwoya umubiri wose

lundi 1er Mukakaro 2013

Abakobwa batatu bavukana baba ahitwa Peru mu Buhinde bahangayikishijwe n’uko batazoronka abagabo kubera ubwoya bavukanye bukwiye umubiri wose. ntako batagize kugira babutuze ariko haba namba. Abo bakobwa ni Savita, Monisha na Sivitri bavukanye ubwoya.

Savita w’imyaka 23, Monisha w’imyaka 18 na Sivitri Singli w’imyaka 16 bavukanye ubwoya ku mubiri wose. Ico shoboka rero hakenewe amafaranga agera ku bihumbi 4 500 vy’amafaranga y’amanyaburaya kugirango bavuzwe, ariko abavyeyi babo ntibabona uburyo bwo kuyaronka. Umukuru muri bo ariwe Savita, avuga ko yamaze kwihebura kuko n’aho adasiba kwisiga amavuta agabanya ubwo bwoya ariko vyaranse ko buhera bubandanya kumera ku munsi ku munsi.

Anita Raut nyina w’abo bakobwa, ku myaka 40, afise abana 6. Amenyesha ko vyavuye kuba yarubatse na inarume ku gahato aho yarafise imyaka 12 , ariko inarume ntabwoya bwinshi yarafise, mu nyuma bavyarana abana bamwe bafise ubwoya umubiri wose. Anita Raut yashatse kwahukana inyuma y’iminsi mike arongowe na inarume, ariko ntiyashobora kureka umugabo yahawe n’umuryango wiwe.

Aba bakobwa bavuga ko icizere co kuronka abagabo gitera kigabanuka, ngo kuko kugeza ubu batararonka amafaragna asabwa ngo bavurwe n’aho bagikoresha iyindi miti yo kugabanya ubwoya ariko bukabandanya kumera.


Prosper Ndayikeza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.