Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ntibizokworoha hagati ya Real Madrid na Fc Barcelone - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ntibizokworoha hagati ya Real Madrid na Fc Barcelone

Ntibizokworoha hagati ya Real Madrid na Fc Barcelone

jeudi 13 Ruhuhuma 2014

Umurwi wa Fc Barcelone waraye uhambije umurwi mukeba wawo Real Madrid kubera intsinzi ya Fc Barcelone mu rukino rwa mbere n’umurwi wa Real Sociedad mu mahiganwa y’igikombe c’Umwami Copa Del Rey co muri Espagne.

JPEG - 23.5 ko
Igikombe c’umwami " Copa del Rey"

Urukino rwahuje umurwi wa Fc Barcelone n’umurwi wa Real Socied rwahaye uburenganzira Fc Barcelone kuzokina urukino rwanyuma n’umurwi mukeba wawo Real Madrid mu guhiganirwa igikombe c’umwami w’igihugu ca Espagne «Copa del rey». Ubwo burenganzira bwavuye ku gitsindo cinjije n’umusatitizi Lionel Messi ku munota wa 27. Ntivyagumye uko kuko umukinyi aturuka mu gihugu c’Ubufaransa Griezmann akina mu murwi wa Real Socied yaragomboye ku munota wa 88, urukino rurangira imirwi inganya 1-1.

Naho banganije muri urwo rukino, mwomenyako urukino rwa mbere Fc Barcelone yari yatsindiye iwabo umurwi wa Real Socied ibitsindo 2-0. Abakinyi b’umumenyereza Gerardo Martino bubaye ubwa kane bashitse mu gice ca nyuma «Finale», mu gihe amahiganwa y’igikombe c’umwami amaze imyaka 6. Umurwi wa Fc Barcelone umaze gutwara ico gikombe incuro 2, mu mwaka w’i 2009 na 2012, mu mwaka w’i 2011 uwo murwi waratsinzwe n’umurwi wa Real Madrid 1-0.

Kw’igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2014, ibihangange mu mupira w’amaguru kandi n’abakeba, Cristiano Ronaldo aherutse gutwara umupira w’inzahabu na Lionel Messi abitse imipira y’inzahabu 4 bazohanga amaso. urwo rukino rwitezwe n’abantu isinzi


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.