Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nubu abantu barenga 100 bagizwe imbohe n’abagwanyi muri Algerie (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nubu abantu barenga 100 bagizwe imbohe n’abagwanyi muri Algerie (...)

Nubu abantu barenga 100 bagizwe imbohe n’abagwanyi muri Algerie ntibararekurwa

vendredi 18 Nzero 2013

Kuva ku musi wa gatatu w’iyi ndwi, abantu barenga 100 baragizwe imbohe n’abagwanyi b’intagondwa z’aba islam mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Algérie ahitwa In Amenas. Abo bagizwe imbohe bafatiwe ahacukurwa ibitoro n’ishirahamwe mpuzamakungu ricukura ibitoro ry’abongereza ryitwa BP.

Muri izo mbohe zigera ku majana n’amajana, harimwo abanyamahanga, uretse abavuka muri Algérie bagera kuri 41 hakaba harimwo abanyamerika bashika 7 n’abafaransa batari bake. Kuva kuri uyu wa kane, igisirikare ca Algérie caragize ibitero aho mu gace ka In Amenas kugira kirekuze izo mbohe ariko ntibirakunda ko abo bantu barekurwa. Gushika ubu haramakuru ataremezwa avuga ko hoba hishwe imbohe zishika kuri 31 n’abagwanyi b’aba islam b’intagondwa bashika kuri 15 murico gitero cakozwe n’abasoda ba Algérie.

Umushikiranganji wa Algérie ajejwe kumenyesha amakuru yamenyesheje ko ata muntu n’umwe ashobora kwemeza ibitigiri vy’abamaze kugwa muri ico gitero ariko yongeyeko agira ati « Reta ya Algérie ntirota iganira n’abagwanyi b’aba islam b’intagondwa kuko bakora iterabwoba .»

Ibihugu nk’u Bwongereza n’u Buyapani biri mubifise abantu bava i wabo bari mubafashwe mpiri n’abo bagwanyi bivuga ko bibababjwe n’ukubona igihugu ca Algérie caciye gifata ingingo y’ugutera aho hantu bafungiwe gihutihuti. Ngo n’imiburiburi abategetsi b’ivyo bihugu bari kubanza kubimenyeshwa.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’u Bwongereza David Cameron akaba mbere yaciye ahagarika ijambo yategerezwa gushikiriza ku vyerekeye uruhara rw’igihugu ciwe mu muryango w’ibihugu vya bulaya, ijambo be n’abahanuzi biwe bateguye amezi atandatu yose, eka n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’u Buyapani yahisemwo guhagarika urugendo yariko aragira mu bihugu bitandukanye vyo ku mugabane wa Aziya mu ntumbero y’ugukurikirana neza ingene ibintu biriko biragenda muri Algérie.

Uko kugira imbohe abo bantu abaraba ibintu n’ibindi bibaza ko vyoba bifitaniye isano n’intamabara ziriko ziraba mu buraruko bw’igihugu ca Mali. Kuva mu ndwi iheze igisirikare c’u Bufaransa caragiye gufasha abasoda b’igihugu ca Mali kwigarurira akare k’uburaruko bw’ico gihugu kamaze igihe kitari gito uhereye mu mwaka uheze kiziziwe n’imigwi y’intagondwa z’aba islam yahigaruriye.

Kuva aho igisirikare c’u Bufaransa kigiriye gufasha, abasoda ba Mali barigaruriye ahatari hato, aha twovuga nk’igisagara ca Konna aho izo ntagondwa zari zigaruriye mu ndwi iheze mbere zishaka n’ukuja mu bumanuko kwifatira umugwa mukuru Bamako.

Kuva aho rero u Bufaransa bwiyemereje gufasha mbere n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikavuga ko rivyemeye, n’ibindi bihugu vy’i bulaya nk’u Budagi n’u Butaliyano bikemera gutanga uburyo n’indege za gisirikare, abagwanyi b’intagondwa z’aba islam baciye barahira bararengwa ko bashobora kugirira nabi imbohe z’abafaransa bari basanzwe barafashe muri kahise hamwe n’ugutera ahari inyungu z’ibihugu vya bulaya hose na cane cane iz’u Bufaransa.
Abagwanyi bateye i In Amenas muri Algérie bonyene ubwabo bariyemereye ko baje bava mu buraruko bwa Mali kandi ngo n’abo muri Al-Qaîda.

Mu gihe harabibaza ko abategetsi ba Algérie botegerejwe kuganira n’abo bagwanyi kugira birinde urupfu rw’abantu benshi, amahirwe si menshi ko ivyo biganiro biba kuko abategetsi b’ico gihugu bamaze kumenyesha ko batiteguriye na gato kwicarana n’abicanyi bakora iterabwoba kandi n’abahinga bize ivyerekeye n’akarere ka Afirika y’amaja ruguru bamenyesha ko bitari mu mico y’igihugu ca Algérie kuganira n’imigwi itandukanye yitwaje ibirwanisho igwanya ico gihugu.

Ariko rero bamwe mu banyagihugu bava mu gihugu ca Mali baba mu bufaransa baridogera Algérie abakavuga ko ico gihugu cari gikwiye kwemera kikaganira n’izo ntagondwa kuko ngo ni naco cari casavye igihugu ca Mali kuganira n’imigwi y’aba islam b’intagondwa bagwanira mu buraruko bw’ico gihugu, mbere ngw’igihugu ca Algérie n’ico cari umuhuza muri ivyo biganiro. Ku bwabo ngo igihugu ca Algérie ntigikwiye gusaba abandi ivyo kidakora.

Umushikiranganji wa mbere w’u Bwongereza David Cameron we aja yamaze kugabisha abanyagihugu n’isi yose ababwira kw’icoba ciza aruko bokwitegurira kwumva amakuru mabi rwose, n’ukuvuga ko hashobora gupfa abantu benshi.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika nazo zagize ziti : « Turacarindiriye ko abategetsi ba Algérie baduha amakuru atomoye ku bijanye n’ibiriko birabera i In Amenas kandi bategerezwa kuba barabikoze imbere y’ukuja kugirico gitero c’ukubohoza abo bantu.»

Mu bari bagizwe imbohe, hari umusore aturuka mu gihugu ca Irlande yashoboye gutoroka, akaba yamaze kwakura mbere abavyeyi biwe ababwira ko ari muzima.


Eloge Willy Kaneza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.