Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Moulay Ismail niwe atwara ibendera ry’umugabo afise abana benshi kw’isi : (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Moulay Ismail niwe atwara ibendera ry’umugabo afise abana benshi kw’isi : (...)

Moulay Ismail niwe atwara ibendera ry’umugabo afise abana benshi kw’isi : 1171

jeudi 6 Ntwarante 2014

Ishuri kaminuza ry’i Vienne mu gihugu ca Autriche riherutse kugira icigwa ku murongozi w’idini rya Islam wo mu gihugu ca Maroc yitwa Moulay Ismail, aho bariko barondera ukuri kuvyo umwanditsi w’umufaransa Dominique Busnot yanditse ko uwo mugabo yari se w’abana 1171.

Uwo mugabo Moulay Ismail yatwaye igihugu ca Maroc imyaka 55 kuva mu myaka y’i 1672 gushika 1727. Ku nzandiko z’umufaransa Dominique Busnot yagendeye muri ico gihugu ku ntwaro y’uwo mugabo, zivuga ko yoba yapfuye afise abana 1171.
Ivyo rero vyatumye abarondezi 2 bo kw’ishuri kaminuza ry’i Vienne mu gihugu ca Autriche bicarira ico kibazo. Basanze ko hamwe uwo mugabo yoba yagira imibonano mpuzabitsina iminsi yose mu myaka 32, ivyo Dominique Busnot yanditse vyoba arivyo. Mu nzandiko za Bosnot yoba yanditse ko Ismail yari afise abagore bagera 500, abo barondezi nabo bagereraranya ko ko abagore biwe boba bari hagati ya 65 ni 110, kugira ashobore kuba afise abana nk’abo.

Ayo makuru dukura mu kinyamakuru Afriquinfos arangiza amenyesha ko uwo mugabo n’ubu akiri uwa mbere kw’isi afise abana benshi. Yarahawe n’agashimwe ka Guinness Book des Records.


Chérif nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.