IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Nyakabiga : Abaporisi baziburura amabarabara abanyagihugu nabo (...)

Nyakabiga : Abaporisi baziburura amabarabara abanyagihugu nabo bazibira

samedi 9 Rusama 2015

Ushitse mu mabarabara yo muri komine ya Nyakabiga, biraboneka ko haraye habereye imirwano ikomeye, aho abantu babiri bitavye Imana, abandi cumi harimwo abajejwe umutekano batatu barakomereka.

Muri iyo komine abantu baho barababaye cane, bakavuga ko batumva ingene bashobora kwicwa n’abaporisi, kandi abasirikare bari ngaho, ntibabatabare. Aho muri komine ya Nyakabiga kandi hari abasirikare benshi hamwe n’abaporisi, abo nabo, bakaba bari inyuma y’ama quartier, biboneka ko bagira bashire icumbi hafi y’abo banyagihugu. Bimwe mu vyari bizibijwe amabarabara vyarahakuwe, ariko abandi bariko batema ibiti, bazibira, bongera bapanga neza amabuye mu tubarabara twinjira.

Amabuye azibira uruja n’uruza hagati muri quartier aracibonekeza kandi menshi. Muri komine ya Nyakabiga rero, abaho baremeza ko umutekano bategerezwa kuwicungerera uko vyogenda kwose, kuko bagiriza bamwe mu baporisi hamwe n’abo mu rwego rw’igendereza ko babica.

Bamwe mu bateguye imyiyerekano, bakaba baroye guhumuriza abanyagihugu baho mu Nyakabiga, inyuma y’aho kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 8 Rusama, abaporisi binjiye ku nguvu, abantu babiri harimwo umukenyezi, bakicwa babanje kuraswa. Karori Nditije, umushingamateka w’umugambwe UPRONA, akaba yabasavye kwihangana, nayo Reta akayisaba ko itoza irahoza imiryango y’Imbonerakure gusa iba yabuze, ahubwo igashobora guhoza abagiye barahitanwa n’iyo myiyerekano.

Eka na Amel Niyongere arongoye ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT, avuga ko bagiye kuzitwarira abantu bose bica abantu muri sentare mpuzamakungu.


Aristide Nizigire

Messages

  • IVYACU BISIGAYE ARIVYO GUSENGERA GUSA . TWARI DUKWIYE GUFATANA MUNDA .GUKO IJAMBO RY’IMANA RIVUGA RITI:<< UBWAMI BUSHIZE KUBIRI NTIBUZOBUZOBURA GUHONA.>>

  • Uburundi Bubwirizwa Guhinduka Nimureke Imana Irabubona

  • Abantu bo munyakabigi muribijuju kuzibira amabarabara nikuvuga iki? None aho kugurura murondere ubuzima umwe yabatumwe muzibire ubu wee yibera murya burimunsi mweho nindani munzu ugurura amaso

  • UKWIHANGANA KWABUZE MUBANTU BITUMA ABATARIBAKE BAMENA IBANGA.NONE KO IMISIYOSE ABARUNDI BINJIRA MUMASENGERO GUSENGA NONE UBU HARIKO HICANA BANDE?...JEHO NDABAKEBURA NDABIBUSTA KO UWUTAZI ISI AYIGIRA UMUGENZI KANDI UWUTAZI IVYISI AVYITA GWIWE....

  • nimubure yukugura ibigwanisho mukibako mwashaka abasoda babatabare kandi mwumvise ivyo gaciyubwenge avuze.baramaze kumugura amahera niyo yaguze umwana wimana.Ubu vyahindutse umusoda mufate nkumupolice nimbonerakure.kuko urumva kotwagurishijwe.

  • Birabajekubonainkohoyaguzwenumunyagihugungo Imukingireimuhindukira Abaporisi Nibikebuke

  • Igitangaje nikime kuberiki imyuyerekano ahantu iriko irabera arimutubatutse gusa bibazako aribo irincabwenge jewe eco nosaba reta ahantu nkanyakabiga nuko yohakontorora kuko abanyagihugu baho nkabose bafise.inkoho kandi batabirekurewe.mukwiye kwanza icomurico kuko sibimwe vyakera noseni

  • nyakabiga ntimucike intege mwirwaneko abo basoda nabo nibabona ko ari vyiza ko bareka gutabara,mwibukeko igihe aba yuda bagira bahone hahagurutse morodekayi abwira esiteri ati naho wokwihorera abayuda ntibazobura gutabarwa kwari ugukebura n’abarundi ntibazobura gutabarwa ,umuntu wese abona ico yokora ntiyice amatwi

  • Mbega ko nyakabiga iriho kavurwa cane mubukozi bwikibi nikubera canke bibazako ubu ari 93 nyakabiga kwarukwambika umapine abahutu nubu turavyo inyifato nifoto bamaze kwerekana birerekana iryobagona stp nosensi ntiyunvire ko ari ibutagerwa muvuga imbonerakure mwibagira abasanzesheke ayo bakora ariko ntamuhutu yigeze avuga ikintu nakimwe murabe neza

  • MANA y uburundi ibiremw vyaw biriko bizira iki? Mana uze utange ibihano ngahanyen kw isi bamw bamwe tze tbone ibizobaMANA y uburundi ibiremw vyaw biriko bizira iki? Mana uze utange ibihano ngahanyen kw isi bamw bamwe tze tbone ibizobabako!

  • Sha ndabona abantu benshi bavuga ibitariho nibitagamije kuko ibi samacakubiri kandi singwano ifatiye kubwoko rero murabe neza ivyomuvuga ntimube ibirofa

  • Ndabasavy muze muravug ivyo mufitiy ivyemezo muvug mak mwibukeko hari ho Iyizi vyos ,mwirind guhengam mwibukek ivyisi bitera bihera!muhezagigw

  • imana yarakoze kurema abahutu b’incabwenge. iyo irema aba nka humble nabandi barimwo imbuto y’amacakubiri gusa, nari kubabara. abahutu bafise kahise kabo, abatutsi bakagira kahise kabo. na peter adutwara afise kahise kiwe. ivyo twarabirenganye, uwibaza ngo harico yoshikako aciye mu moko,pole. abarundi turi bamwe, turwanira demokarasi.

  • biratangaje kubona aboducungereye umutekano aribobatwihindutse arikonibagezaho,non ’ahobiciyentibaruha mbesentibiyunvirako nabonyenebatwaye ,imibiri nkiyabandi

  • nigute imyigaragamvyo irimuburundi yotoregwa umuti

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.