IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Nyakabiga : Abari mu myiyerekano bagomba ibarabara ryitiriwe uwa 28 (...)

Nyakabiga : Abari mu myiyerekano bagomba ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo

mardi 5 Rusama 2015

Abari mu myiyerekano muri komine ya Nyakabiga, n’ubu babandanya bashaka gushika kw’ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo.

Iryo barabara bakaba bari baryugarije kuri uyu wa 4 Rusama, ariko abaporisi bakaba bararyuguruye, aho mbere umwe mu bari mu myiyerekano, umwe yarashwe mu mugongo n’umuporisi. Muri iyo myiyerekano nyene, imiduga yari ireruye umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, ikaba yarabuze aho ica, ihitamwo gusubira inyuma, ica ijana ibarabara rya Kigobe.

Eka n’umutambuknyi wa Audifax Ndabitoreye vyavugwa ko yoba yatwawe n’umwe mu baporisi, amakuru twahavuye turonka mu nyuma, ni uko, uwo mukenyezi yajabutse n’amaguru, uruzi rwa Ntahangwa, gurto abona guhungira muri komine ya Gihosha. Uwo mupfasoni, akaba nawe, yari yaherekeje umushingantahe wiwe mu myiyerekano,
aho bari bashitse muri komine ya Ngagara na Nyakabiga.

Iyo myiyerekano ikaba nubu iriko irabandanya mu makomine atandukanye y’igisagara ca Bujumbura, aho abaporisi bazindutse bararasa muri komine ya Kanyosha.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.