Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nyakabiga : Amabarabara yo muri karatiye ya gatatu agiye gukorwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Nyakabiga : Amabarabara yo muri karatiye ya gatatu agiye gukorwa

Nyakabiga : Amabarabara yo muri karatiye ya gatatu agiye gukorwa

lundi 19 Myandagaro 2013

Amabarabara amwe amwe aca muri komine ya Nyakabiga ameze nabi, mu gihe atigeze akorwa ngo asaswe amabuye hasi nk’uko bimeze mu yandi mabarabara aca mu yandi makomine amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura, ndetse nko mu makaratiye ya mbere na kabiri yo muri iyo komine.

Mu gihe c’ici, umukungungu niwo usanga utuma muri ayo mabarabara aca muri iyo komine cane cane amabarabara yo mu Nyakabiga ya gatatu. Uyo mukungugu rero uratera ingorane abanyagihugu mu kubatera indwara ziva ku guhema nabi nk’ibicurane n’izindi, hagera mu gihe c’imvura naho, ivyondo, amazi mabi aca aheza akireka aho hose akaza asongera isibe.

Uwurongoye karatiye ya gatatu ya Nyakabiga Salvator Mpangaje, avuga ko mu kwezi kwa Nyakanga ikibazo c’ amabarabara yo muri iyo karatiye gishobora kuba catorewe umuti. Amabarabara atandukanye aca mu makaratiye ya mbere na kabiri muri iyo komine arokozwe, mu gihe ikaratiye isigaye ari iyo yagatatu gusa. Umukuru wa karatiye ya gatatu rero akaba avuga ko abanyagihugu barindiriye itangurwa ry’ibikorwa muri uku kwa Nyakanga buca dutangura. Ibikorwa vy’abahinga bija vyaramaze gutangura nk’uko uyu mukuru w’iyo karatiye ya bibwiye bagenzi bacu b’ikinyamakuru Le Renouveau. Ivyo bikorwa rero bikaba bishigikiwe n’ibanki y’isi yose hamwe na ABUTIP ( Agence Burundaise pour la réalisation des Travaux d’intérêt public).

Umukuru wa karatiye ya gatatu akaba avuga ko umunyagihugu wese ategerezwa kugira ico aterereye kugira uwo mugambi uje mu ngiro. Iparasere yose itanga ibice bibiri kw’ijana, ni ukuvuga amafaranga angana ku bihumbi 50.000. Yemeza ko uburongozi bwa komine bwahuye n’ingorane kugira bushobore kwegeranya ubwo buryo mu gihe bamwe batahura neza uwo mugambi, abandi nabo ntibawutahure, bitwaje ubukene budasanzwe. Ubu rero abanyagihugu bakaba baramaze gutanga ako gatererano co kimwe n’ikigega FONIC mu kubaha amafaranga angana imiriyoni 9.752.562, azobafasha muri ico gikorwa c’ukubakorera amabarabara meza kandi akomeye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.