IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Nyakabiga : Imyiyerekano yasubiye kuba

Nyakabiga : Imyiyerekano yasubiye kuba

mercredi 20 Rusama 2015

Abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu barabandanya mu makomine amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura.

Muri komine ya Nyakabiga, imyiyerekano yabaye kuri uyu wa 19 Rusama yari yitabwe n’abatari bake, bahurikiye mu migambwe n’amashirahamwe ari mu rugamba rwo kwiyamiriza ico kiringo. Abanyagihugu bakaba bazungurutse amabarabara nka yose y’iyo komine biruka, bamwe bafise amashami y’ibiti mu ntoke, abandi inyandiko zisaba umukuru w’igihugu kutitoza.

Nk’igihe c’isaha zine, abo muri komine ya Nyakabiga, baciye bahura n’abo muri komine ya Bwiza baca baja gutegera abo muri quartier ya Jabe, bose bagira urugendo, aho atawabariye urwara, kiretse ku Mutoyi mw’I Jabe, aho umwe mu basoda yarashe hejuru kugira abo bari mu myiyerekano, ntibashobore gushika mw’ibarabara ryinjira mu gisagara ca Bujumbura.

Iyo myiyerekano, ikaba isubiye kuba, inyuma y’aho hari akarwi k’abasirikaren’abaporisi gashakiye gukura ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza, ariko bikabankira. Nka hose mu gisagara ca Bujumbura, imyiyerekano, ikaba icungerewe n’abasoda.


IGIHE

Messages

  • NONE ABO BIYAMIRIZA IKIRINGO CAGATATU CA PETERO NKURUNZIZA YIBAZA KATABWENGE BAFISE

  • Imperanimperuka azoreka yibazayuko ariwe afise ubwenge kwikubitakueta ngonabamwiyamiriza twarabimenye ko aridir ibo bakozeivyakoravyose buraca bugacanayandi kuzoba kumutekera agasenkekamazi kuma vya unomusi anizebeshi ijo ninyene naryohe unomusi ejo nawe azovyishura abarimumyiyerekano gumako murikomuharanira agateka kanyu ntimucike inguvutu natweturimumahanga turikumwe

  • Dariyusi Abo Ntabwenge Bafise Ubwobafise Nuko Babona Uwubahemba Hamwe Hobura Inoti Nivyo Barya Kumurango Baruhutse Ntanumwe Wosubira Kubona Mwibarabara Abanyabwenge Bararembeje Imisozi Y,i Burundi Baronderamajwi .Non,abo Sibamwe Uzosanga Batakironkayo Kwimwesha

  • ntabwenge bafite kuko babuze icyo bakora ,bahisemo nabi,ntacyo bazageraho,uwashyizweho n,amatora ukurwa n,amatora. uruzi oyoba mu Ntara zose z,igihugu bari muri yegeregere wenda byagira icyo bitanga,naho abo Basongareri(INKORA BUSA) ntacyo zizogeraho.

  • Jewe nibaza ko ababesha abantu ngo bagume mwibararabara muriko mukora nabi ,kuko amatora azoba ahubwo tubize kurwiza abantu batazotora Nkurunziza petero, gutryo vyogira akamaro gusumba. Ikindi naco mbona nuko abantu bashigikiye imyigaragamvyo baba hanze arinabo batanga uburyo mukoresha , hari ibibasiga, hari ikintu citwa EVALUATION mbega baragikora? ko kugeza UbU havurwa Musaga,Nykabiga,Cibitoke na Ngagara mbega , Uburundi ni izo zones zine canke ikomine zine zigize Uburundi? n,ayomakungu muhaya nsibijuju baratahura ko hari izindi ngorane ziri kuruhande.Abo bari mwibarabarabara ntibibaza ko Uburundi buhejeje kwerekana ko atari Tunisia,atari Egypte,atari Lybiya? rero ico ntumva nuko bariko bashaka kwica bene wabo bari i Burundi nabo bibereye muri Europé ,Amerika na Australian. Haragezeko abantu bari mu myiyerekano bicara bakiyumvira iyo bariko baja. Utwo tunyeshure twa ka Minuza bahenze ngo duhungire muri USA Embasy ubona bungutse iki? kurwanira politique udafise diplome bisa nukwatsa imbabura udafise ico uteka! ukuri nikumwe uwushaka atahure ko ubwo Burundi nubwaacu twese kandi kubusambura ntaco bidufgasha.

  • Jewe nibaza ko ababesha abantu ngo bagume mwibararabara muriko mukora nabi ,kuko amatora azoba ahubwo tubize kurwiza abantu batazotora Nkurunziza petero, gutryo vyogira akamaro gusumba. Ikindi naco mbona nuko abantu bashigikiye imyigaragamvyo baba hanze arinabo batanga uburyo mukoresha , hari ibibasiga, hari ikintu citwa EVALUATION mbega baragikora? ko kugeza UbU havurwa Musaga,Nykabiga,Cibitoke na Ngagara mbega , Uburundi ni izo zones zine canke ikomine zine zigize Uburundi? n,ayomakungu muhaya nsibijuju baratahura ko hari izindi ngorane ziri kuruhande.Abo bari mwibarabarabara ntibibaza ko Uburundi buhejeje kwerekana ko atari Tunisia,atari Egypte,atari Lybiya? rero ico ntumva nuko bariko bashaka kwica bene wabo bari i Burundi nabo bibereye muri Europé ,Amerika na Australian. Haragezeko abantu bari mu myiyerekano bicara bakiyumvira iyo bariko baja. Utwo tunyeshure twa ka Minuza bahenze ngo duhungire muri USA Embasy ubona bungutse iki? kurwanira politique udafise diplome bisa nukwatsa imbabura udafise ico uteka! ukuri nikumwe uwushaka atahure ko ubwo Burundi nubwaacu twese kandi kubusambura ntaco bidufgasha.

  • Ariko Nubu Ntabona Ko Igihugu Gishobora Kuj Muntamara Bitumw Nuwo Mugabo Umwe!Ivy Yakoze Nuwarigushiraho Umwana Ntivyari Kumunanira Azova Kuntebe Bamushize Musi Yaryo Agomb Yobiheba Kwitoza Ubu Mugabo Yab Yumv Aba Yarumvise.Imana Imufashe

  • yamara narekure arekekuduta mukaga kuko Nkurunziza nabobarikumwe bafise imvugo zububeshi mbe kobashiramwo ubwiko mu Butere ntibavanze?Bwiza ntibavanze?Musaga na Nyakabiga bavuga ntibavanze?mbe ahobatavanze nihe?ahubwo bagezaho iryo vangura ryabo bagezaho pe

  • jewe nabumvirije kera mbona ko nto kwihangana ntabishuye.mbe ga Macraire Bacamurwanko ko wavuze abashigikiye imyigaragamvyo baba hanze wewe se uherereye ko umengo uvuga ivyo utazi???wavuze ngo bigishe abantu kutazotara Peter Nkurunziza ngo nivyo vyaba vyiza...wibagiwe ko 2010 atatowe ariko yakorosheje uburyo bwose akiba amatora,ivyo ntamurundi n’umwe atabizi,n’ubundi asubiye kwitoza azosubira kwiba amatora ivyo birazwi..wavuze ko havurwa Musaga,Nyakabiga,Cibitoke na Ngagara,zonyene??aho wahihendeye za uvuga ivyo wabanje gutohoza,kuko cartier nord abari mumyigaragamvyo hari Cibitoke;Mutakura,Kinama,Buterere hamwe na Ngagara bose bigaragamvya barikumwe bose ariko kuko Ngagara na Cibitoke na Musaga na Nyakabiga aribo bageramiwe n’iterabwoba bamwe bakaba barashizwe no kurutonde rwokwicwa n’ibo uca ubona ko bama mwibarabara..none ushaka bashire amaboko imugongo bicwe nk’inyamaswa???bareke barwanire agateka kabo nakare umugambi wokubahonya warateguwe kuva kera birazwi,ariko nukumenya ko amaraso ahumpa ndabarahiye ntitukabe abanyamacakubiri birengeje urugero kuko mu bahutu dufise abashingantahe benshi botwara igihugu neza gusumba Peter Nkurunziza mushimagiza kandi ariko atabura igihugu catwibarutse.mbe ko tuvuga ivyabariko barwanira agateka kabo ntituvuge interahamwe zakoze genocide mu Rwanda Peter Nkurunziza ariko aha icicaro mu gihugu cacu?? ntimubona ko ashaka kuduteranya n’igihugu kibanyi?? none mubona kazoza k’igihugu cacu kirongorwa na Peter Nkurunziza arakahe???ndabasavye tugerageze kwihweza hamwe ubuzima bw’igihugu cacu mu ri 10 ans Peter Nkuarunziza amaze kuyobora igihugu duce tugereranya N’ubuzima bw’igihugu bwarongowe nabandi ba President niho mwohava mubona ko abiyamiriza ikiringo ciwe ca gatatu batarira busema.ngejeje aho ndabifuriza kuntahura neza kuko twese twifuza kazoza keza k’igihugu cacu

  • @jy
    Mbega ivyo vy’ubwenge uzana vyo ni ibiki,ahubwo mwe mwa ba el chabab ni mwe mwibazako mubufise mwenyene peter ntarekura irya mandat amategeko arayimurekuriye kandi ashigikiwe n’abantu isinzi,rero iyo determination natwe turayifise tumuri inyuma,uwanka yangare!!

    Hanyuma nawe darius inyishu nico kimwe na jy nta numwe ari mwihiganwa ry’ubwenge ,abo bari mu mabarabara bibazako aribo babufise bonyene,ariko biguma bibatekurukana!!Déjàbenshi barimwo ni aba putshistes ntitwavyibagiye,bazobibazwa ntimwibaze ngo izo manifestation zirabitwibagiza,au contraire amafoto n’ama cameras mwirigwa mwiteretse imbere buca adufasha kubacakira kamwe kamwe,rindira ntimwibaze ngo ayo mapine aratubuza gusonga mbele,dusenga dukora,dukora dusenga!!

  • None Ko Umukuru Wigihugu Avuga Ngo Nama Quartier Ane None Yibaza Ko Abandi Bamushigikiye Kwaziko Abataja Mumabarabara Bamushigiye Nategeke Imbonerakurure Nigiporisi Nigisirikare Baje Kuruhande Ntihagire Uwo Batera Ubwoba Canke Bazibira Arabe Ko Hasigara Numwe Muhira Ntiyoronka Nibarabara Acako Kubwinshi Bwabanyagihugu Naho Kudutwaza Umukazo Ntaco Azoshikako Mbe Yibaza Ko Tunamukeneye?Nimba Atabonye Umunezero Abarundi Bari Bafise Igiye Bari Bamupirinduye Muburundi Bwose Sha Ababibonye Ba Adorfe Nibamubwire Nuko Cni Ariyiwe Azotegerezwa Kwiba Amatora Twomuretse Akamaramarira Kurubuga Urushetani Gwaramwinjiy Ntanuko Yumvira Nabamuhanura Atari Nyamitwe Wiwe Bimirije Gutembagarana Bompi

  • uwomugabo nahebe icokiringo cagatatu

  • none k aguma yihambirir kumatora,abanyagihugu nabo bahez bahez bapfa aband isinzi abatahunz buzuy mpimba,ne azotwar bande?ko muvy yakoz atubats ubusho,twes tuzoherer mubuhari,emw rindira turab

  • @Mbaza
    Abo bandi ba pererzida badutwaye bakadukura mu bukene ni bande?Ca gikoko micomibi,buyoya,bagaza yatubujije kwiga agashira ama lycees i bururri?Mbega burya u rwanda rutabaye incuti y’u burundi mwibazako budashobora kubaho?Abumva bakeneye iyo amitié na rwo nibaje kurubamwo,franchement hari igihe muvuga mukibazako mubwira abana ba 10 ans batazi ivyabaye mu burundi,mbega tuja hamwe twese kuberiki ngo twiyamirize peter,abo ba nyengagara,cibitoke,musaga,nyakabiga ni abatutsi bashaka kurya ivyo batabiriye akuya,abo bagwanira democracie ya hehe;guturira abana b’abahutu mu ma pine niko kugwanira democracie,utwo ni udusuma turakumbuye gu pilla mu bahutu,bwarubwo nyene bwinshi bwatubuza kuba mu gisagara cacu muri za 93,94 n’iyindi myaka,abashaka democracie bari mu myiyamamazo,jacques bigirimana,uprona,ko ata mbonerakure zibabuza kwiyammamaza,abo b’i bujumbura nibo batutsi gusumba abo muri uprona,amatora azoba murihenda,muzomaramara,abazi akamaro k’amatora ntibicaye mwebwe bandanya mwikina amatavu imbere y’amatelevision y’i bulaya nabo batanguye kubonako ari abatutsi gusa muri ku ma barrières,nabo ntitubatinya twebwe aba cnddfdd ntibazi iyo twaje tuva,namwe nyene turacabiga ntibizijana uko ivyo muriko murikoza!!!

  • Ariko Ga omer uracafise ivyiyumviro bishaje nkuko? siwe yihambirira kubutegetsi nitwe abene gihugu twamushizeho azovaho tubishatse.

  • NDIVUZA KUBONA VIDEO

  • MBEGA WEWE USUMYA UBUBASHA COURS CONSTITUTIONELLE?PETER MUMUREKE KUKO YAKOZE VYINSHI VYABANANIYE.président wacu arasenga kandi arumvirwa rabira kubashats ku muhirika kubutegetsi.bye bye ndagusavye mwe nabo muri kumwe murindire mandat yanyu ntiragera.

  • NAGOMBA GUKEBURA ABASHAKAGUSHIRA UBWOKO IMBERE KUGIRA BASHIKE KUVYO BIFUZA KO ATAVYO BAZOSHOBORA UWO MUGERA WABINJIYE NTIMUGIRE ABARUNDI BAWUGENDANA NIBENSHI. NIBATINYE IMANA GUSA.

  • None nubu imyirekano iracaba ibujumbura kombona mumakuru yokwi radio yiburundi batakibivuga tumenye iyo uburundi buriko buraja niyo buva??

  • jekuvyobona.nuko bakwiye kwicarahamwe bakaganira kuvyerekeye amatora twimirije.yabakurubigihugu, ikindinaco nuko amakungu asabako.bokwiga ikibazo cokwogerakwitoza ubwagatatumukibazacumukuruwigihugu,kukojendabonako,hazohavahaduka,intabara,bivuyekuricokiringo,barikobariyamiriza,ndasaba agathogwasa kudacikintenge agiriguvu,ndaziko ivyabayemuri2005kobitzosubira,natweturinyumayiwe tumuahigikiye,

  • NIYUNVIRAKO BOSUBIZA INKOTAMURWUBATI KUBER’AMAHORO YARABONESTE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.