IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Nyakabiga: Urupfu rwa Eddy Hatungimana n’ubu rurimwo igipfungu

Nyakabiga: Urupfu rwa Eddy Hatungimana n’ubu rurimwo igipfungu

lundi 9 Nyakanga 2013

Inyuma y’aho Eddy Hatungimana atorewe ikiziga muri komine ya Nyakabiga, hagati ya Nyakabiga ya kabiri n’iya gatatu, umuryango wiwe uvuga ko gushika n’ubu bakiriko barakurikirana intandaro y’urupfu rw’uwabo.

Amakuru ikinyamakuru IGIHE cashoboye gutohoza, n’uko uyo musore w’imyaka irenga 30, yapfuye mw’ijoro ryo ku munsi wa gatanu ushira uwa gatandatu, igenekerezo ry’indwi Nyakanga uyu mwaka. Icatumye uyo musore apfa ntikiramenyekana gushika n’ubu, ariko ibivugwa n’uko yari yamye avunjisha amafaranga, ndetse yoba yari afise amafaranga ashika ku bihumbi amajana atandatu. Bamwe mu ncuti ziwe bavuga ko yishwe kuko ku ruhanga rwiwe hasa nahahomberanye, asa nk’uwoba yakubiswe ikintu mu mutwe, ndetse no kw’izosi hakaba hasa naho yoba yaracumiswe imbugita, mu gihe ayandi makuru avuga ko yagonzwe n’umuduga muri iryo joro, abandi bakavuga ko yagonzwe n’ikinga.

Urupfu rw’uyo musore avuka muri komine ya Ngagara ubu yarasanzwe aba mu Nyakabiga ya gatatu ku ry’icumi na gatatu, rwababaje abatari bake, haba mu bamuzi, eka nabo bahora babana, kuko atamuntu n’umwe bari bafitaniye ingorane. Eka no mu muryango iwabo, ni umubabaro ntangere. Mu gihe batazi gushika n’ubu icabahitaniye uwabo, amatohoza ariko araba, ndetse umuntu umwe akaba yarahagaritswe kumvo z’amatohoza. Ubu apfungiwe mu munyororo wa komine Nyakabiga.

JPEG - 66.1 ko
Inyubakwa ya komine Nyakabiga

Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.