Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nyina wa Michael Jackson yatsinzwe urubanza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nyina wa Michael Jackson yatsinzwe urubanza

Nyina wa Michael Jackson yatsinzwe urubanza

dimanche 1er Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Nyina wa Michael Jackson yatsinzwe urubanza aho yagiriza ikigo catunganya ibiteramo vy’umuziki wiwe kuba carishe umuhungu wiwe.

Uwo muvyeyi wa Michael Jackson Katherine, yashaka ko ikigo AEG kimushumbusha amahera arenga umuriyaridi n’igice kubera urupfu rw’umuhungi wiwe. Nyina wa Michael Jackson yatsinzwe urubanza rwungurujwe yagiriza ikigo gitunganya ibiteramo vy’umuziki, kuba carishe umuhungu wiwe.

Katherine Jackson yitwariye ikigo AEG Live avuga ko cafashe ibintu minenerwe mu guha akazi umuganga yagiriwe n’icaha co guha umuhungu wiwe umuti w’ikirenga, ukamuhitana. Ariko sentare y’iyungururizo muri California yavuze ko umuganga Conrad Murray, yavura Michael Jackson nk’umuganga yigenga.

Mukibuka ko muganga Murray yarasanzwe akurikirana umuririmvyi Michael Jackson yagirijwe n’icaha co kwica atabifitiye umugambi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.