Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Obama na Bush bahuriye muri Tanzaniya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Obama na Bush bahuriye muri Tanzaniya

Obama na Bush bahuriye muri Tanzaniya

mardi 2 Mukakaro 2013

Umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe za Amerika Barack Obama ari mu gihugu ca Tanzaniya kuva kuri uyu wa mbere igenekerezo rya mbere Mukakaro uyu mwaka, akaba yakiriwe ku kibuga c’indege na mugenziwe wa Tanzaniya Jakaya Kikwete n’abanyagihugu isinzi, bamwe batamba abandi nabo bavyina.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, Obama yavuze ko bipfuza ko ubu hatangura uburyo bushasha bwerekeye Afrika mu vyo gufashanya hamwe n’ubudandanji, ariko atari ukwama Afrika iteze amaboko, irindiriye abayifasha. Abandanya avuga ko abanyafrika bategerezwa gukorera Afrika yabo, bakayiteza imbere bivuye mu maboko yabo, n’ubwenge bwabo, igikorwa ca Leta zunzubumwe za Amerika kikaba ugufasha muri uyo mugambi, mu migenderanire myiza nk’iyo basanzwe bafitaniye na Tanzaniya.

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya arashimira bimwe bivuye ku mutima igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika, ko zimaze kurangura ibitari bike muri Africa Kuva mu mwaka w’2008 Obama aroye ku butegetsi. Umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe za Amerika Obama ndetse asanzwe afise akabira ko muri Afrika kuko se ari umunyakenya, ni irya mbere agize urugendo nk’uru mu bihugu vya Afrika kuva abaye umukuru w’igihugu. Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya rero akaba ari mu bakuru b’ibihugu ba mbere bakiriwe na Barack Obama mu mwaka w’2008 ku kirimba iwe amaze gutorwa akaba umukuru w’igihugu wa Leta zunzubumwe za Amerika.

Mu kwezi kwa Ntwarante mu rugendo umukuru w’igihugu c’Ubushinwa yariko aragira mu bihugu vya Afrika, yatoye Tanzaniya ngo kibe arico gihugu ashikiririzamwo ijambo rijanye n’imigambi Ubushinwa bufitiye Afrika. Leta zunzubumwe za Amerika ziravye uko ubushinwa buriko burakorera imigambi itari mike muri Afrika, Obama yavugiye mu gihugu ca Afrika y’Epfo, ubushake igihugu ciwe gifise mu gutangura ubufatanye bushasha hagati y’igihugu ciwe n’umugabane w’Afrika.

Obama ategekanya kugendera urugomero rw’umuyagankuba, inyuma yo kumenyesha ko igihugu arongoye kizotanga imfashanyo y’amamiriyoni menshi y’ama dollar yo gufasha mu kugwiza umuyagankuba muri Afrika yo munsi y’ubugararwa bwa Sahara. Amabarabara yugawe, umutekano urakomezwa ku murwa mukuru Dar es Salaam. Ku bijanye n’umutekano mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Umukuru w’igihugu Obama yakeje Tanzaniya hamwe n’ibindi bihugu vyaterereye abasirikare bari mu murwi udasanzwe w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU uzohangana n’imirwi yitwaje ibirwanisho iri mu Buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Yasavye ibihugu bihana urubibe n’ico gihugu, guhagarika gufasha imirwi ihungabanya umutekano mu Busaruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, nk’uko bavyemeye mu nama ya Addis Abeba.

Mu gushima, umukuru w’igihugu wa Tanzania, Jakaya Kikwete, yavuze ko ata mukuru nka Obama yari bwagendere igihugu ca Tanzania. Obama akaba yahuriye i Dar es Salaam mu kanya gaheze n’uwo yasubiriye, George W Bush, baca baja gushira urugori rw’amashurwe mu kibanza c’icibutso c’abanyamerika basize ubuzima mu gitero c’abiyahevyi haciye imyaka cumi n’intanu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.