Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Obama ntazosuhuza Mandela - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Obama ntazosuhuza Mandela

Obama ntazosuhuza Mandela

samedi 29 Ruheshi 2013

Umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe za Amerika Barack Obama yashitse mu gihugu ca Afrika y’Epfo inyuma yo kubeshuza amakuru yavuga ko azoja gusuhuza Nelson Mandela mu bitaro aho arwariye haraheze iminsi 22.

Obama avuga ko yoba ahungabanije umuryango wa Mandela mu gihe yoba agiye ku musuhuza kuko ku bwiwe, atari umwanya wo kuja gufata amafoto mu bihe nk’ibi.
mw’ijambo ryiwe, Obama yavuze ko agomba guha umuryango wa Mandela ubutumwa bwo kubakomeza no kubabwira ko abanyamerika bifatanije nabo. Ariko naho biri uko abantu batandukanye si ukwo babibona, bavuga ko Obama yarakwiye gusuhuza Mandela kuko amagara yiwe atameze neza, ivy’amafoto agaheza akabuza abanyamakuru kuyafata.

Ubu rero ibintu ntivyoroshe kuko muri politike bagiriza umugambwe ANC ko uriko ukoresha uburwayi bwa Nelson Mandela mu kwiyamamaza, ariko abari muri uyo mugambwe bakaba babihakana cane ko atari vyo. Inyuma y’ibitaro, abakunzi b’umugambwe ANC bambaye impuzu z’amabara y’uwo mugambwe nk’ikimenyetso co kwerekana ko bamushigikiye, kandi bari kumwe nawe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.