Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Obama Yagarukanye imigenderanire hagati ya Turukiya na Israel - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Obama Yagarukanye imigenderanire hagati ya Turukiya na Israel

Obama Yagarukanye imigenderanire hagati ya Turukiya na Israel

samedi 23 Ntwarante 2013

Ibihugu vya Turukiya na Israel vyiyemeje kugarukana imigenderanire yavyo inyuma y’aho Israel isavye ikigongwe ku makosa yakoreye Turukiya igihe ingabo zayo zinjira mu bwato bwa Turukiya bwari butwaye imfashanyo muri Gaza mu mwaka wa 2010.Ico gitero cahitanye abantu 9.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yahamagaye kuri telefone mugenzi we wo muri Turukiya, Recep Tayyip Erdogan, aho yemeye ko Israel izotanga indishi ku miryango y’abanyaturukiya yabuze ababo.

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ibindi bihugu wa Turkiya, Ahmet Dasvutoglu, yavuze ko ivyo asabwa na Turkiya vyose vyemewe.

JPEG - 15.1 ko

Uwo mwumvikano wabaye inyuma yaho Perezida Obama avugiye ko bibereye ko ivyo bihugu vyompi bigarukana imigenderanire.

Twibutse ko uwo munyacubahiro yahora mu rugendo aho mu gihugu ca Israel


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.