Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Obama yagenye umukuru mushasha w’igendereza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Obama yagenye umukuru mushasha w’igendereza

Obama yagenye umukuru mushasha w’igendereza

samedi 22 Ruheshi 2013

Umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama yaragenye ku musi w’ejo Jim Comey amushinga amabanga yo kuba umukuru mushasha w’ibiro bikuru vy’igendereza FBI, muri Amerika.

Barack Obama yamenyesheje ko ashize muri ico kibanza Jim Comey w’imyaka 52 kuko yizeye ko azoshobora guhangana n’ibikorwa vy’iterabwoba bishobora guhungabanya umutekano wa Leta zunze ubumwe za Amerika.
Jim Comey yahoze ari umukuru w’ibiro bikuru bishinzwe ubucamanza, ubu akaba asubiriye uwitwa Robert Mueller yagiyeho mu mwaka w’2001 inyuma y’ibitero vy’abiyahuzi vyahitanye abantu batari bake.

Nk’uko bitangazwa n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Leta zunze Ubumwe za Amerika, Jim Comey amaze imyaka irenga 20 akorera igihugu ciwe kandi vyagaragaye ko ashoboye gucungera umutekano w’abanyagihugu ba Leta zunze ubumwe za Amerika.

Jim Comey yarakoreye inzego zitandukanye za gisirikare, tukabamenyesha ko mu mwaka w’2005 yari arongoye ikigo c’igihugu gishinzwe indege n’ibigendajuru vya Amerika.

JPEG - 24.8 ko
Barack Obama ari kumwe na Jim Comey umukuru mushasha w’igendereza ( i bubamfu)

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.