Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Obama yashitse muri Israel ubwa mbere kuva yaja ku butegetsi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Obama yashitse muri Israel ubwa mbere kuva yaja ku butegetsi

Obama yashitse muri Israel ubwa mbere kuva yaja ku butegetsi

mercredi 20 Ntwarante 2013

Mu rugendo rwa mbere agize muri Israel kuva yaba umukuru w’igihugu, umukuru wa Leta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama, yavuze ko ubushuti bw’ivyo bihugu bukomeye nk’urutare.

Bwana Obama yavuze ko igihugu ciwe kinezerejwe nokuba hamwe na Israel mu bwiyunge bukomeye hamwe n’ubucuti.

Yakiriwe n’umukuru w’igihugu wa Israel, Shimon Perez, hamwe n’umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu, bakaba bavuze ko urugendo rwa Obama rugiye mu mateka.

JPEG - 18.3 ko

Urugendo rwa bwana Obama ruzomara iminsi itatu, ruzokwibanda ku mugambi wa Iran werekeye inguvu za nucleaire, intambara yo muri Syria hamwe n’amatati hagati ya Israel na Palestine.

Ariko kuri ico ca nyuma, bwana Obama yavuze ko ata mugambi mushasha w’amahoro afise wo guhangana n’ico kibazo.

Muri urwo rugendo azohura kandi n’abakuru ba Patestine muri Sisjordanie.

Bwana Obama yaranenzwe muri Leta zunze ubumwe za Amerika, kubera atagendeye Israel mu kiringo ciwe ca mbere nk’umukuru w’igihugu.


Jean Michel Ndayikengurutse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.