Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Olympic: Tokyo yatsindiye kwakira inkino zo mu 2020 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Olympic: Tokyo yatsindiye kwakira inkino zo mu 2020

Olympic: Tokyo yatsindiye kwakira inkino zo mu 2020

dimanche 8 Nyakanga 2013

Tokyo yatorewe kuzakira imikino ya Olympic yo mu mwaka w’i 2020, imaze gutsinda Istanbul na Madrid.

Ico cemezo kikaba catangarijwe muri Argentine inyuma y’amatora yabaye mw’ibanga y’abagize umurwi mpuzamakungu w’imikino ya Olympic. Mu matora y’inkino, Tokyo yaronse amajwi 60, Istanbul yaronse 36. Madrid yavuyemwo mu matora ya mbere.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe yabwiye abagize uyo murwi ko ibibazo vy’uruganda rw’ubutare bwa nucleaire rw’i Fukushima bitazohungabanya imikino izobera i Tokyo.

Tokyo iheruka kwakira izo nkino mu mwaka w’i 1964. Umunyamakuru wa BBC yavuze ko Tokyo yiyerekanye neza cane ku ncuro ya nyuma, uretse ko yarisanzwe igaragara ko ariyo ifise amahirwe yo gutsindira uwo mwanya.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.