Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU: Abana barakoreshwa mu ntambara muri Mali - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > ONU: Abana barakoreshwa mu ntambara muri Mali

ONU: Abana barakoreshwa mu ntambara muri Mali

jeudi 13 Ruheshi 2013

Mu cegeranyo gisohoka rimwe ku mwaka cashizwe ahabona n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku musi w’ejo igenekerezo rya 12 Ruheshi 2013, igihugu ca Mali kiragirizwa kuba gikoresha abana bakiri bato mu ntambara.

Muri ico cegeranyo bamenyesha ko intureka ziri muri Mali zifise ingaruka nyinshi ku buzima bw’abana, aho bariko bakoreshwa mu bikorwa vya gisirikare, mukamenya ko ibaye incuro ya mbere igihugu ca Mali gishizwe kuri urwo rutonde rw’ibihugu bitubahiriza agateka k’abana mu kubakoresha mu ntambara.

Nk’uko abahinga bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU babimenyesheje, igihugu ca Mali gihambije ibindi bihugu biha ikibanza abana mu ntambara nka Siriya, Repubulika ya Centrafrika, Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riranegura ingendo y’abarwana muri Mali binjiza mu gisirikare abana bo kuva ku myaka 12 gushika kuri 15, ivyo bigakorwa ku mpande zose z’abarwana. Muri ico cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kitasize inyuma ikibazo c’abigeme bafatwa ku nguvu, bamenyesha ko abana munani kw’icumi mu buraruko bw’igihugu ca Mali aribo batarungikwa kw’ishure.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.