Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU : Ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini bisabwa kubahiriza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > ONU : Ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini bisabwa kubahiriza (...)

ONU : Ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini bisabwa kubahiriza amasezerano

vendredi 13 Nyakanga 2013

Inama ijejwe umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, isaba ibihugu bigize akarere k’ibiyaga binini kwubahiriza ivyo biyemeje. Ivyo bikaba bivuzwe inyuma yaho hibonekereje ibikorwa vy’umuhari wa M23, ku misozi ya Kibati, mu Buraruko bw’igisagara ca Goma.

Ku rubuga, ibintu ntivyoroshe rwose, ndetse mu Buraruko bwa Kivu ho abantu n’ubu imitima yabo ntiraja hamwe. Cumi na batanu bagize inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, basavye kuri uyu wa 12, Nyakanga mu nama yabahuje, ko amasezerano yashizweko umuko mu gihugu ca Ethiopiya, i Addis-Abeba ko yokubahirizwa, kugira amahoro aboneke muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, ndetse amahoro aheze asasagare mu karere kose kagize ibiyaga binini.

Mu nyuma abo 15 bagize inama nkuru y’umutekano, bakaba barashoboye kwumviriza ndetse n’amajwi ku buhinga bwa cassette, amajwi ya Mary Robinson asanzwe arongoye MONUSCO (Mission de l’ONU pour la Stabilisation du Congo) ku bijanye n’ukwo ibintu vyifashe muri ico gihugu ca Kongo iharanira intwaro rusangi.

Muri iyo nama y’abaserukira ibihugu 15 mu nama y’umutekano muri ONU, Mary Robinson yasavye ko hoba inama ihuza abakuru b’ibihugu vy’Urwanda, Uburundi, RDC n’Ubuganda, mu mpera z’ukwezi kwa Nyakanga mu ntumbero yo gufashanya kugarukana amahoro muri ico gihugu ca Kongo, iharanira intwaro rusangi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.