Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU: iragiriza igihugu ca Koreya yo m’uburaruko ko cateye ikigendajuru - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > ONU: iragiriza igihugu ca Koreya yo m’uburaruko ko cateye ikigendajuru

ONU: iragiriza igihugu ca Koreya yo m’uburaruko ko cateye ikigendajuru

jeudi 24 Nzero 2013

Inama nkuru ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi iragiriza igihugu ca Koreya ko cateye ikigendajuru mu kwezi kwa Kigarama mu mwaka uheze w’2012.Iyo nama ikaba isaba Koreya ko itosubira kurungika ibigendajuru bikoresha ubuhinga bwo mu ntambara.

Ibihugu 15 bigize inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano, vyaremeje itegeko rihana igihugu ca Koreya kuko carungitse ikigendajuru kirimwo ubuhinga bwo mu ntambara,ico naco kikaba kirenga ku masezerano 1718 na 1874.

JPEG - 292.7 ko

Inama nkuru ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano isaba kandi igihugu ca Koreya ko co kwubahiriza ibiri mu masezerano ya ONU kandi ko yohagarika ubutakigaruka ibikorwa vyose bijanye no gukora ibigwanisho ruhonyanganda.

Iyo nama nyene irashimishwa no kubona ibintu bigiye mu buryo biciye mu mibano myiza hagati y’ibihugu biciye kandi muri politike,ikaba ishima kandi uruhara rw’ibihugu bigize iyo nama mu gutorera inyishu izo ngorane biciye mu biganiro.

Igihugu ca Koreya yo m’uburaruko coco kikaba cisiguye kivuga ko,carungitse ico kigendajuru mu ntumbero y’ubushakashatsi kandi ko atari mu ntumbero yo guhungabanya umutekano.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.