Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU isaba Tanzaniya kugira amatohoza ku wuherutse kunyuruza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > ONU isaba Tanzaniya kugira amatohoza ku wuherutse kunyuruza (...)

ONU isaba Tanzaniya kugira amatohoza ku wuherutse kunyuruza umunyamwema

vendredi 9 Nzero 2015

Umwe mu bategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU asaba abategetsi b’igihugu ca Tanzaiya kuira amatohoza ku mwana w’umunyamwema aherutse kunyuruzwa.

Uwo mwana w’umwigeme yanyurujwe akaba yari afise imyaka ine gusa y’amavuko, akaba yatwawe n’umuntu yari afise ishoka kuri uyu wa 27 Kigarama umwaka w’2014. Uwo yatwaye umwo mwana akaba yabanje kuboha umuvyeyi wiwe. Uwo mwana w’umunyamwema yanyurujwe akaba agize uwa 70 anyurujwe canke yishwe aho mu gihugu ca Tanzaniya, nk’uko vyagiye birashikirizwa n’amashirahamwe mpuzamakungu yitaho agateka ka zina muntu.

Bamwe mu banyamwema bo muri ico gihugu ca Tanzaniya, bakaba barataye barahunga kugutinya ko bicwa canke ngo bacibwe bimwe mu bihimba, kugira abafyitirizi baheze baje kubikoresha mu bikorwa vy’abarozi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nukuri Bira Babaje Kandi Bikurikiranwe

  • NAHO IGIHANO CO KWICA CAKUWEHO BIRAKWIYEKO ABOFATWA BONYONGAMWO NKA BABIRI BAKAVYEREKAN KUMATELEVISION NAMARADIYO BABARA AKARORERO ABANDI ATARUKO UBWOKO BW,IMANA,BARABUMARA

  • Birababaje,cane Nkumuvyeyi kuvyar’ukarera Ntukuze.Ubona uwakwiciye. kwihangana Biragoye.Ariko abofatwa,ikigongwe Kikava kuwiciwe.Ariko Imana Mubabarira bandi kugira namwe mubabarigwe.Arik bafatigwe Ibihono.Nongaha,mugihugu cacu birahari.Arik,sindumva Ibihano baciriwe Nkomuntara Ya Ruyigi.Murakoze Umwaka mwiza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.