Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU itegekanya gukora inama ku kibazo ca Syria - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > ONU itegekanya gukora inama ku kibazo ca Syria

ONU itegekanya gukora inama ku kibazo ca Syria

mercredi 29 Rusama 2013

Ibihugu bigize inama ijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU baraza kwihweza namba boshiraho ingingo yiyamiriza abarwanyi b’abanyamahanga muri Qusair.

Intambara zitera zikomera cane muri ako karere ka Qusair.
Ibihugu vyo mu mahanga vyabandanije guharira ku kibazo co guha ibirwanisho impande zihanganye mu ntambara ya Syria.

Izo mpari zazanye icizere ku mugambi wari wumvikanyweko na Leta zunze Ubumwe za Amerika n’Uburusiya wo guhuza impande zihanganye muri Syria mu ntumbero yo guheza intambara zimaze imyaka ibiri.

Uwo mugambi wo guhuza abanyasyria uracatewe intambamyi n’uruhande rurwanya Leta rwananiwe kwumvikana ku woruserukira muri iyo nama.

Kubw’ivyo, inama y’agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU iraza gukorana kuri uno munsi, kugira yumvikane ku ngingo yo kwiyamiriza Leta ya Syria ku kibazo co gukoresha abarwanyi b’abanyamahanga muri iyo ntambara.
Uwuhagarariye agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Navi
Pillay aragabisha ko ubwicanyi bumaze kugera ku rwego ruteye ubwoba.

JPEG - 7.7 ko
Navi Pillay, ahagarariye agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Iyo ngingo kandi iza kumvikanwako itegekanya gusabira inzira amashirahamwe ya ONU ajejwe gutanga imfashanyo kugira zishobore gushikira abazikeneye muri Syria.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.