Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU : M23 yategetswe kuba yasubije ibirwanisho hasi mu masaha (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > ONU : M23 yategetswe kuba yasubije ibirwanisho hasi mu masaha (...)

ONU : M23 yategetswe kuba yasubije ibirwanisho hasi mu masaha 48

mercredi 31 Mukakaro 2013

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ari naryo ryahawe igikorwa co kugarukana amahoro muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo ryasohoye urwandiko ku munsi w’ejo risaba abatunze ibirwanisho bose i Goma no mu karere ko boba babisubije inyuma y’amasaha 48. Mu gihe biboneka ko ingabo za ONU zigamije kwaka abarwanyi ba M23 ibirwanisho, abenshi baribaza uko bizogenda kuko ku munsi w’ejo kuwa kane isaha cumi z’umuhingamo, ikiringo catanzwe kizoba giheze kandi abasirikare ba Monusco bamenyesha ko n’inguvu zishobora guzokoreshwa.

Muri iryo tangazo ryasohowe ejo, Monusco itera akamo imenyesha ko umuntu wese atari umusirikare wa Leta azoba agitunze ikirwanisho azofatwa nk’intambamyi ku mutekano w’abanyagihugu, akajoca akurikiranwa mu ntumbero yo kugisubiza. Monusco imenyesha ko bazokoresha uburyo bwose bushoboka n’inguvu zidasigaye inyuma.

Mu ntambara zaheruka kwaduka hagati y’abarwanyi ba M23 n’ingabo za Leta ya Congo mu ntango z’uku kwezi, ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko abarwanyi ba M23 bakoresheje ibirwanisho bikomeye bakica n’abanyagihugu basanzwe mu micungararo y’igisagara ca Goma.
Inteko z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zigizwe n’abasirikare 3000, zahawe uburenganzira bwo gukoresha inguvu ku mirwi irwanya Leta ya Congo, irimwo M23.

N’aho muri Monusco bagabisha ko inguvu zishobora gukoreshwa inyuma y’ayo masaha 48, bamenyesheje ko zizokoreshwa ku munota wa nyuma babuze ukundi bobigenza. Charles Bambara, umuvugizi wa Monusco yashirije ko inzira y’umutekano ariyo izoshirwa imbere mu kwaka ibirwanisho ababitunze batabifitiye uruhusha.

Monusco rero ikaba yaratanze uburenganzira ku mirwi irwana ko yozana ivyo birwanisho mu rwego rujejwe gusubiza mu buzima busanzwe abahora ari abarwanyi : DDRRR(Désarmement, Démobilisation, Repatriement, Réintégration et Relocalisation).

Nk’uko Charles Bambara, umuvugizi wa Monusco yabisiguye, urwo rwego DDRRR nirwo ruzoheza rusubize mu buzima busanzwe abazoba basubije ibirwanisho bibaye ngombwa n’abavuye mu bindi bihugu basubizwe iwabo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.