Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU yahagaritse gutanga imfashanyo muri Gaza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > ONU yahagaritse gutanga imfashanyo muri Gaza

ONU yahagaritse gutanga imfashanyo muri Gaza

vendredi 5 Ndamukiza 2013

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU yaraye ifashe ingingo yo guhagarika gutanga imfashanyo muri Gaza, aho yahora itanga amahera atari make kuba nya Palestina baba muri Gaza ,bica bituma abanyagihugu batera “Unrwa”,igisagara gikuru ari co cicaro ca ONU muri Gaza.

Aho mukamenya ko, abanyapalestina bagera ku 800 000,ni ukuvuga bibiri vya bitatu (2/3) vy’abanyapalestina baba mu gace ka Gaza babeshejweho na ‘’Unrwa’’.

Robert Turner arongoye ibikorwa vya ONU muri gaza yaraneguye iyo nyifato itabereye abanyagihugu bo muri ico gisagara bagize,akavuga ko ivyabaye atawobisabirako kuko vyari gushobora guhitana n’abakozi ba Unrwa. Yaciye afata ingingo yo guhagarika imirimo bakora muri Gaza , haba gufasha canke haba mu gushigikira abanyagihugu.Ariko umurimo wo gutanga imfungurwa mbumbarugo wo ntiwahagaritswe.

Kubw’uwurongoye rero ivyo bikorwa vya ONU muri Gaza, ngo iyo ngingo yo guhagarika gufasha muri Gaza ikazogumaho gushika umutekano waho ugarutse, kugira babandanye bakora mu mutekano ukwiye.


Mriella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.