Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU yahakanye ko urubanza rwa Uhuru Kenyatta rwigizwa inyuma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > ONU yahakanye ko urubanza rwa Uhuru Kenyatta rwigizwa inyuma

ONU yahakanye ko urubanza rwa Uhuru Kenyatta rwigizwa inyuma

samedi 16 Munyonyo 2013

Inama nkuru y’umutekano kw’ isi yanse gushigikira icipfuzo co kwegezayo urubanza sentare mpuzamakungu mpanavyaha ikurikiramwo umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta n’icegera ciwe William Ruto.

Ingingo yo gutenyenya kuburanisha umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta, n’ icegera ciwe William Ruto mu kiringo c’umwaka, yari yatanzwe n’Ubumwe bwa Afrika.
Abantu indwi mu bagize inama nkuru y’ umutekano, harimwo uwuserukira Uburusiya n’Ubushinwa, bashigikiye iyo ngingo.

Abandi umunani, barimwo Reta zunze ubumwe z’Amerika n’Ubwongereza, barayanse.
Umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta n’icegera ciwe William Ruto bariko bakurikiranwa ku vyaha vyo gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu, mu gihe c’ubwicanyi bwabaye inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2007 mu gihugu ca Kenya.


Egide Nduwimana

Messages

  • Jewe nibaza ko uwukoze ikibi yokibazwa naho gushigikirana mumafuti ntaco bimaze kuko ibintu biba muri africa yacu eka nyene vyosutenwa na bu russiya na chine kuko batwara nabo nka ba nya africa, umuntu rero akoze icaha nagihanigwe .

  • Ntago abanya frica aribo nkozi zibibi gusa huyu muntu akwiye ubudahangarwa akazajya munkiko mandaye irangiye. Babandi bakoze urudandazwa rwa banyafrica bashyikirizwe sentare

  • ijambo ryimana riravugango.Twubahe abayobozi. ntampamvu nimwe mbona yo kuzana imbere yintahe??. huyumuyobozi. ahubwo akwiye kurenganurwa ubutungane kuri bose. bahere kuri babandi bakoze urudadanza rwabirabure .kandi barakidendebya mumakungu

  • ijambo ryimana riravugango.Twubahe abayobozi. ntampamvu nimwe mbona yo kuzana imbere yintahe??. huyumuyobozi. ahubwo akwiye kurenganurwa ubutungane kuri bose. bahere kuri babandi bakoze urudadanza rwabirabure .kandi barakidendebya mumakungu

  • Nibamubaze nyene, umuntu ntiyokwitwaza ubukuru bwiwe kugira ngo ubutungane ntibumukoreko. N’abandi bazoheza bagire ico batinya.

  • wowe wiyise. kirinyota . iwanyu iburundi. abarongoye. 1972, 1993. kuki batarashyikirizwa intahe??? abonabo baboneke.kuko habaye ubwicanyi bwibasiye inyoko muntu. ntago ariba special. gusumba abandi bayobozi

  • wowe wiyise. kirinyota . iwanyu iburundi. abarongoye. 1972, 1993. kuki batarashyikirizwa intahe??? abonabo baboneke.kuko habaye ubwicanyi bwibasiye inyoko muntu. ntago ariba special. gusumba abandi bayobozi

  • ONU.ishaka iki???ishaka M23 iyambura ibirwanisho. huyu muyobozi wa. kenya arenganurwe. kuko afisebudahangarwa !! abanyabyaha nibeshi

  • Ahosi igeze! abantu dukeneye, liberte. ntamanza kuko nabakoze urudandazwa rwa birabure. ntibaragera imbere ya sentare wowe. kirinyota shaka amazi unywe

  • M23 izambura ONU. Iibirwanisho??????. kuberako huyumuyobozi. atasiga abana biwengo age muri sentare. ubudahangarwa kuri bose.

  • ONU. igomba gukurinana umuntu ushaka kwivugana Gatsinzi Marcel. akazashyikirizwa sentare mpanabyaha kuko ibyaha byinyokamuntu byimonogoje. ntago bivugako umuntu ugiye muzabukuru ahinduka umunyabyaha. uwariyoboye umugi wa butare 1994. ninde.?????????????????. twanze akarengane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.