Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU yasohoye icegeranyo cagiriza Vaticano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > ONU yasohoye icegeranyo cagiriza Vaticano

ONU yasohoye icegeranyo cagiriza Vaticano

jeudi 6 Ruhuhuma 2014

Umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ujejwe agateka k’abana wasavye ko i vaticano boshira ahabona amadosiye yose ayamenyekanye n’ayatamenyekanye yerekeye abapadiri boba baragirijwe gufata ku nguvu abana kugira abagirirwa bashirwe ahabona bahanwe ibikwiranye n’amabi bakoze.

Muri uwo murwi bagiriza Ekleziya katolika, kuba batigeze bafata ingingo zikenewe mu gukinga ivyo vyaha, ahubwo iminsi yose Ekleziya katolika yoba yarondeye uburyo bwose bwo gukingira izina ryayo gusa bakibagira abo bana bariko barakubagurwa. Iyo nama igasaba ko hobaho impinduka zikomeye cane kugira koko agateka k’umwana gakingirwe. Muri uwo murwi basaba kandi ko hoshirwaho amategeko atomoye yo guhana uwo wese yagiriwe n’ico caha.

Mwomenya ko mw’itangazo ryaciye risohorwa i Vaticano, biyamirije ivyo birego bakagiriza ishirahamwe mpuzamakungu kuba bavuze ibintu ukutariko.


Floxella Karire

Messages

  • ingaruka zose zibonekeza nuko abatiri babujijwe kubaka izabo kandi ntaho vyakabaye ko umuntu abuzwa kubaka urwiwe nicogituma abatiri bishora mungeso zitarinziza baba rekere ivyiyu nviro vyabo murakoze

  • Amabi yo gufata abana (abakobwa n’abahungu) ku nguvu umuntu akabashurashuza birakorwa n’abantu basanzwe bubatse, imisore,abari mu madini atandukanye yaba ayabakristu, aba islam, n’bandi. Bibaye ku mupatiri ni nkuko biba kuwundi kuko aba akoze icaha cagira we nyene. Si rero umugambi wa Catholica. Ntibinava kandi kuba batubaka izabo ngo barongore na cane cane ko ari ivyobaba biyemereye atagahato bakanavyitegurira imyaka myinshi. Uwumvise bitazokunda yobihagarikira hafi.
    Birababaje kubona ivyo biba kandi bikwiye kurwanywa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.