Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU yemeje itegeko kuri Syria - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > ONU yemeje itegeko kuri Syria

ONU yemeje itegeko kuri Syria

samedi 28 Nyakanga 2013

Inama y’umutekano y’umuryango mpuzamakungu ONU yemeje ku bwinshi atawuvuyemwo, ingingo yo gusambura ibirwanisho vy’ubumara vya Syria.

Mu nama i New York, abagize akanama k’umutekano bose uko ari 15 bashigikiye integuro yari yumvikanyweko n’Uburusiya na Amerika. Aya masezerano aheraheje imyaka ibiri n’igice y’ukutavuga rumwe muri ONU ku kibazo ca Syria, aho imirwano hagati ya Leta n’abitwaje ibirwanisho yahoneje inganda.

Itora ryabayeI nyuma y’aho ikigo mpuzamakungu gikumira ibirwanisho vy’ubumara, cemereye umugambi w’uko umwaka w’2014 woshika hagati ibirwanisho vya Syria vyasambuwe. Aho yafata ijambo inyuma y’amatora, umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki-moon, yavuze ko ari ibintu bigiye mu mateka, ngo amakungu yakoze ico ajejwe. Ibirwanisho vy’ubumara vyarakoreshejwe muri Syria mu kwezi kwa Myandagaro, bihitana abanyagihugu amajana.

Leta zunzubumwe z’Amerika zemeje ko ari Leta ya Bashar al Assad yakoresheje ivyo birwanisho, ariko Syria n’Uburusiya buyishigikiye bikabihakana, bikavuga ahubwo ko ari abarwanya Leta babikoresheje.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.