Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU yipfuza gutorera inyishu ikibazo c’abatagira ubwenegihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > ONU yipfuza gutorera inyishu ikibazo c’abatagira ubwenegihugu

ONU yipfuza gutorera inyishu ikibazo c’abatagira ubwenegihugu

mercredi 5 Munyonyo 2014

Ishirahamwe mpuzamakungu riraba impunzi kw’isi HCR rishaka kuba ryakemuye ikibazo c’abatagira ubwenegihugu mu myaka cumi.

Iryo shami rya ONU rijejwe impunzi kw’isi ryatanguje isekeza ryo kurandurana n’imizi ikibazo c’abatagira ubwenegihugu, batagire igitabo c’inzira. HCR ishaka ko mu myaka cumi iri imbere ata muntu nk’uyo yoba agihari.

Bena abo bantu usanga ahanini bagizwe n’abavukiye mu makambi y’impunzi canke imigwi y’amoko yatotejwe. Umuyobozi mukuru wa HCR, Antonio Guterres, ahamagarira ama Reta kuronsa ubwenegihugu abana bavukiye muri ivyo bihugu.

JPEG - 200.6 ko
Umuyobozi mukuru wa HCR, Antonio Guterres

Antonio Guterres asaba ko ibihugu vyinshi vyogenda birorohereza bene abo bantu badafise ubwenegihugu canke ivyo bitabo vy’inzira.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.