Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU yumvise amarira y’abanyagihugu ba Centrafrika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > ONU yumvise amarira y’abanyagihugu ba Centrafrika

ONU yumvise amarira y’abanyagihugu ba Centrafrika

mardi 4 Ntwarante 2014

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryumvise ivyo ryasabwe n’amwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu gihugu ca Centrafrika, aho ayo mashirahamwe yavuze ko hakwiye kwongerezwa abasirikare n’abaporisi mu ntumbero yo kugarukana amahoro muri ico gihugu, eka n’abarongoye Centrafrika bakaba barerekanye impungenge ku bwicanyi buguma bwiyongera.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon yasohoye icegeranyo kigaragaza ibikenewe kugira amahoro asubire kuboneka muri ico gihugu, mu kuvuga ko abasirikare mva makungu bangana ibihumbi icumi, hamwe n’abaporisi bangana 1820 ari bo bakenewe kugira bafashanye n’abandi bahasanzwe, kugarukana amahoro muri Centrafrika. Iyo ngingo rero ikaba yakiranywe igishika muri Reta irongowe n’umupfasoni Catherine Samba Panza, mu gihe n’abo nyene bari bamaze iminsi bari mu mibonano y’urutavanako, berekana ibikenewe kugira amahoro agaruke muri ico gihugu.

Twobibutsa ko ku wa 20 Ruhuhuma, mu nama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yari yashikirije vyihuta ko hakenewe abasirikare n’abaporisi baja gufasha kugarukana amahoro muri Centrafrika, mu gihe abanyagihugu baguma bagandagurwa bunyamaswa atacamira. Haciye iyinga imwe gusa, Catherine Samba Panza ku wa 28 Ruhuhuma, akaba yaravuze ko ivy’umutekano muke bigeze kuyindi ntambwe ibabaje, kuko n’ababa bahungiye mu mashengero, canke abarwariye mu bitaro batagerwa umutwe, bicwa izuba ryaka, ari nakwo gutakambira ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ngo rikore ibishoboka vyose, ribatabare.

Abakurikiranira ibintu hafi vy’aho muri Centrafrika, bavuga ko abo basirikare n’abaporisi bazogira ico bafashije, kuko bazoshira inguvu hamwe n’ingabo za MISCA, baheze batuze ubwicanyi n’ayandi mabi akorerwa ikiremwa muntu. Abari mu mirwi ishamiranye y’amadini muri ico gihugu, bakaba basa n’abita, bagashaka ndetse no kwitega abasirikare bo mw’ishirahamwe rya MISCA.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.