Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Oscar Pistorius yahagaritswe n’igipolisi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Oscar Pistorius yahagaritswe n’igipolisi

Oscar Pistorius yahagaritswe n’igipolisi

jeudi 14 Ruhuhuma 2013

Umunonotsi agendana ubumuga ava mu gihugu ca Afrika y’epfo Oscar Pistorius ari nawe wa mbere yagiye mu mahiganwa yo kunonora imitsi yabereye I Londres k’umugwa mukuru w’u Bwongereza mu ci riheze yahagaritswe n’igipolisi yagirizwe kuba yishe umwigeme bari basanzwe bakundana.

Nk’uko amakuru dukesha imboneshakure y’abafaransa France 24,Oscar Pistorius aboneka gushika ubu ku rupapuro rwa mbere rw’ibimenyeshamakuru vyandika amakuru y’inkino agendana ubumuga.Kuri uno wa kane yahagaritswe n’igipolisi co mu gihugu ca Afrika y’epfo yagirizwa kuba yishe umugenzi wiwe bari bakundanya amurashe amasasu menshi.

Igipolisi casiguriye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ko caronse umuntu ahamagara kuri terefone mu masaha yo mu gatondo cane,aho yabamenyesheje ko humvikanye urwamo rw’amasasu ku rugo rw’uwo munonotsi,bashitse mu hira kw’uwo munonotsi bahasanze ikiziga c’umukenyezi akiri muto biboneka ko yarashwe amasasu 4.

Aho nyene muri ico kibanza igipolisi cahasanze inkoho yo mu bwoko bwa pistolet ya mm9.

JPEG - 9.8 ko

Oscar Pistorius yari kurenguka imbere ya sentare ariko vyungururijwe kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 15 Ruhuhuma kugirango babanze bamufate amaraso.

Mwomenya ko uwo yishwe yari afise imyaka 26 y’amavuko.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.