Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ouganda : Itegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye ryemejwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ouganda : Itegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye ryemejwe

Ouganda : Itegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye ryemejwe

mardi 25 Ruhuhuma 2014

Igihugu ca Ouganda cemeje itegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye. Ku munsi w’ejo kuwa 24 Ruhuhuma 2014, umukuru w’igihugu Yoweri Museveni yateye umukono kuri iryo tegeko yirengagije ubutumwa yari amaze iminsi arungikirwa n’ibihugu rutura nka Reta zunzubumwe za Amerika, bwamusaba ko atokwemeza ibihano ku bakundana bohuza ibitsina babisangiye.

Hari hasanzwe muri ico gihugu ca Ouganda hatarekuwe uguhuza ibitsina ku babisangiye. Abafashwe bahora bahanwa gushika mbere no ku munyororo w’ubuzima bwose. Muri iryo tegeko umukuru w’igihugu Yoweri Museveni yateyeko umukono, abanyagihugu bazoba bashobora n’ugushengeza abantu bose bafise inyifato y’abahuza ibitsina babisangiye, yaba abahungu ku bahungu, canke abakobwa ku bakobwa.

JPEG - 13.8 ko
Yoweri Museveni, umukuru w’igihugu ca Ouganda

Iryo tegeko ryaraye riteweko umukono ryari ryaremejwe ku bwinshi n’abashingamateka mu kwezi kwa Kigarama. Umukuru w’igihugu Yoweri Museveni naho yaryemeje, nta minsi myinshi yari iheze amenyesheje ko bitari bikwiye ko umuntu ahanwa kubera afise inyifato itameze nk’iy’abandi bantu.
Afrika y’epfo isanzwe arico gihugu conyene kimaze kwemerera abahuza ibitsina babisangiye ntaco baravuga kuri iryo tegeko ryemejwe mu gihugu ca Ouganda.

Reta zunze ubumwe za Amerika nico gihugu kimaze kumenyesha ko ciyamirije iryo tegeko ryafashwe nk’ihohoterwa rya kiremwa muntu. Reta ya Barack Obama yamenyesheje ko iryo tegeko ryaje gutosekaza umubano mwiza wa Ouganda n’ibindi bihugu, hamwe n’isanamu ya Ouganda igiye kuba mbi mu makungu kubera iryo tegeko.

JPEG - 28.9 ko
Susan Rice, umuhanuzi wa Barack Obama

Imbere y’uko umukuru w’igihugu Yoweri Museveni yemeza iryo tegeko, Susan Rice, umuhanuzi wa Barack Obama yari yagiraniye umubonano n’umukuru w’igihugu Yoweri Museveni, amusaba ko atokwemeza iryo tegeko. Kuva aho amariye kwumva ko yaryemeje, Susan Rice, umuhanuzi wa Barack Obama yamenyesheje ko umunsi w’ejo kuwa mbere igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2014 ari umunsi w’umubabaro ku gihugu ca Ouganda, hamwe no kw’isi yose, kuko bitari bikwiye ko umuntu ahanwa kubera ico ari, canke kubera uwo akunda.

John Kerry, umunyamabanga wa Reta ya Amerika yashikirije ko ari inkuru y’agacamugongo ku baharanira agateka ka zina muntu, ko nyabuna umuti ari uko iryo tegeko ryofutwa.

JPEG - 413.4 ko
John Kerry, umunyamabanga wa Reta ya Amerika

Egide Nduwimana

Messages

  • Ihagarare ko bwana Museveni turi abanya frika imico yacu ni vyemera nta dini nimwe ivyemera kiretse ngira iya Desmon Tutu. Amerika ntigukange iyimbire amavuta igihigu c’awe kirayafise Gaz hama turabe kutabaho udahwe imisada nabo canke ugire ubucuti nibihugu nka Qatar , Kowete nibindi

  • Yoweri Museveni, uri umugabo nya mugabo, ntiwatinye abo bakozi ba shetani atakindi bagamije atari kwuzuza isi ivyo bemeranije na shetani, none bipfuje kubiza naho iwawe, senga Imana izokugwanira mbere bazomaramara.

  • komera bwana president urumugabo abo nibanyare hiyo. imana umuriro niyo izowohera aha mur africa tura keneye intwari nkamwe.ino iwacu ho ngira? nugusenga nimvura itugejeje habi tutaranaritora...Imana itugume hafi

  • ndamwemeye musabato.reka menyeshe Barack Obama,ko Ouganda yabayeho nasekuruza atarabaho.bareke kuba bakanga abanya frica,motif ngo bafise cash.ko bakomeye bazoyabahambana.muncamake abakora imibonano mpuza bitsina bafise ibibazo mumutwe,kurya amakungu arajwe ishinga no gutora umuti wa SIDA.nibarondere nuwabo barongorana bahuje ibitsina.ubu ndibaza urwaruka nibarurekurira murubwo buzima,imiryango yobaho gute?turetseko arumuvumo kumuryango ndetse no kugihugu.baze babikore binyegeje,kuko vyokwonona abana bacu.niyo biri nabo barayinze ntiworaba,nihamwe nyene atakundi,nabo boje kwigira kumico yabanyafrica.Yesu abaza abigishwa biwe,ati vyokumarira iki kwunguka ivyo mwisi vyose,ariko ukabura ubugingo?none tweho vyotumarira iki,kubona izonfashanyo barata,ariko tukonona imiryango yacu,mbere tukabura ubugingo?mboneyeho gukebura abo bigira ngo baharanira agateka kazina muntu nayo bironderera iyo cash yabazungu!!bakigira abakunda umuntu gusumba Imana yamuremye.kandi yavuzengo umuntu nkuyo ntazabure kwicwa.inyuma yavyose twame twibuka ko umukuru atabura mukuruwe,har’Imana ingenzura ikintu cose gikorerwa musi yizuba.

  • Mbega iyo mihimbiri yabazugu mbedwamunyo bakeneye kutubwirako kwendwamunyo aribyiza ko babishima ,haru wababujije, izofashanyo zabo barazigumana bagume bibana inyuma na Obama kuko wewe arabikunda

  • Imana ivugakuwishe itegeko1 abayishe yose.kafatanije ubwicanyi na KAGAME.simbona icamubujije kuritora ntiyigirumweranda kurivyo.ingurube yama icafuye nahowoza isubira mubiziba.munywamaraso yabandi namwe rutabibagiye

  • MANA NYENICUBAHIRO NDAGUSHIMIYE CAAAANE MANA,Presidant MUSEVENI IMANA Imuhezagire.yemweyemwe MUSEVENI nahora ntamwiyunvamwo arikubu nunva ndamukunze caaane,Ivyo bimenabanga vyabazungu biragahumigwa,Barundi nkunda mwibuke kwimibiri yacu ari ingoro y,IMANA.N,urusengero ruhezagiye,nugwamutima mweranda.mbega haruwo murunva yavyaye IKIBONDO mwabo bahuza ibitsina babisangiye??.ntanumwe!!,iyo nimigambi yabo bazungu yokutubuza kurondoka,ntibanezegwa nuko imiryango igwira,ninvo zokugwiza imigera ya SIDA nibindi bigwara vyivyaduka bifatira mubihimba vyirondoka.Ndasavye nshimitse bikunze Ko nyakwubahwa PRESIDANT NKURUNZIZA wacu nawe ko yokwifadikanya Na MUSEVENI,nomukunda gushika gupfa kwanje.NUKURI NVUZE.twomukunda ABARUNDI Pe.kandi ndamwizeye kwazorisinya,reka ngume kumavi ndamusengere.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.