Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ouganda : Kwemeza itegeko rirwanya abahuza ibitsina babisangiye ntibibonwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ouganda : Kwemeza itegeko rirwanya abahuza ibitsina babisangiye ntibibonwa (...)

Ouganda : Kwemeza itegeko rirwanya abahuza ibitsina babisangiye ntibibonwa kumwe

lundi 24 Ruhuhuma 2014

Musengeri Desmond Tutu wo muri Afrika y’Epfo yahamagariye umukuru w’igihugu ca Ouganda Yoweri Museveni ko atokwemeza itegeko ryiyamiriza abahuza ibitsina babisangiye, ahubwo ko yokomeza ibihano bijanye no kurwanya ifatwa ku nguvu, hamwe no gushurashuza abana.

Desmond Tutu amenyesha ko ico ahamagarira umukuru w’igihugu Museveni ari ugukoresha ibiganiro mu gihugu ciwe kuko itegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye ari nko guhonyanga agateka ka zina muntu n’uburenganzira bwa muntu, hamwe n’ubutungane mu gihugu ca Ouganda.
Nk’uko musenyeri Desmond Tutu abandanya abisigura, ahubwo hokomezwa ibihano ku gufata ku nguvu, ivyaha vyo gushurashuza abana, hamwe no ku badandaza umubiri, yaba "abagurisha n’abagura".
"Gukomeza ayo mategeko bizotuma bakingira abana n’imiryango kuruta ko urukundo rw’abantu bakuze kandi biyumvikaniye bicika icaha."

Kuri uno wa mbere rero niho bitegekanijwe ko umukuru w’igihugu ca Ouganda Yoweri Museveni aza kwemeza iryo tegeko. Umukuru w’igihugu Yoweri Kaguta Museveni abicishije ku muvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu akaba yamenyesheje ko bataza kwemera kugendera ku bindi bihugu, aho mbere nka Washington bari bamugabishije ko hamwe yoramuka yemeje iryo tegeko ryo kwima uburenganzira abahuza ibitsina babisangiye bishobora gutosekaza imigenderanire hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri.


Floxella Karire

Messages

  • Uyu Musenyeri Tutu je ndabona yamaze gusaza. Ivyaha ni vyitwe ivyaha kandi baretse aba homo mu mabarabara nkimpene zo muci ugwaruka ruzokura rwibaza ko ivyo bintu ari normal kandi ari ubupfu gusa!!! Ikinteye ubwoba nuko mbona aba ba homo basigaye bakomeye kw’isi, ivyo bavuga vyose ama reta (Russia) akajugumira, iyi n’imisi ya nyuma. Imana idutabare!!

  • Uyo musenyeri ngirango sumukozi w’Imana isengwa nabakristo ngira numukozi wasatani!nareke kwiyita musenyere nigutukisha izina ryabasenyeli !ngira nawe. Aryamana numugabo nkawe!nikumaziko ya mandela intwri ya sud africa,bari bamwankiye ko ahashika kuko baziko ari umunyamafuti!

  • uyo musenyeri nibamukure kuko ntasoma bibliya nkimwe dusanzwe tuzi yayikuye ahandi.

  • numva nokeza Prés museveni kucemezo yafashe nkumugabo nakomere Imana izomushoboze kugwanya iyo ntambara kandi nabarundi twitegure kuzoyigwana nubwo harababishigikiye ariko bamenye kwaramahano yakwegeye Sodomu na Gomora umuriro

  • Ewe Uhoraho udutabare ngo Abazoba bakiriho ngo bazobona ntibabeshe.Umusenyeri muzima ngo nibabareke n’ukuri iy’Isi turimwo ntaho itandukaniye n’isi yigihe ca Nowa uhoraho atubabarire kuko ivyaha bikogwa vyarenze ubwenge bwabantu

  • Igikuru sukugwiza amajombo gusa ahumbwo nimwambare amagunira mwisonzeshe uwiteka agire ico akoze kuko uko nukurandugwa kw’isi kugira gushike.nimusenge gose.

  • Igikuru sukugwiza amajombo gusa ahumbwo nimwambare amagunira mwisonzeshe uwiteka agire ico akoze kuko uko nukurandugwa kw’isi kugira gushike.nimusenge gose.

  • Yemwe yemwe bakozi b’Imana n’abandi basenga bakumvirwa nyabuna muje kumavi musengere isi n’abayirimwo bose.nayubundi isi yaheze.

  • Musenyeri Tutu akwiye kwambura umutamana w’ubusenyeri kuko yashaje kandi ashaje nabi kuko sinibaza ko ishengero rya Anglicane avamwo rishigiye ibintu vyahumanijwe n’Imana , kandi naha iwabo ntacubahiro agifise bijanye nukungene yifata mubibazo bimwe bimwe

  • Ndashigikiye umukuru wigihugu ca ouganda nakomere kwibanga Imana iramubona.kandi ingingo yafashe akomere kumuheto turamushigikiye twebwe abanyafrika havuyemwe ibapfa mutima canke abatazi Imana icarico.uwo musenyeri aratukishije ishengero avamwo kandi ntakwiye kwitwa musenyeri.twebwe aba nyafrika turafise ingene dutunganijwe ntitukishinge iryo bihugu rutura.abo ba homo nikugira tubatuze kw,iyisi y,Imana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.