Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ouganda : Rya tegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye ryahagaritswe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ouganda : Rya tegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye ryahagaritswe

Ouganda : Rya tegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye ryahagaritswe

lundi 4 Myandagaro 2014

Rya tegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye ryahagaritswe mu gihugu c’Ubuganda, naho bamwe bavuga ko vyoba bifitaniye isano n’aya nama itegekanijwe muri Reta zunzubumwe z’Amerika, ihuza ibihugu vy’ Amerika n’ Afrika, umukuru w’igihugu Yoweri Museveni we avyamirira kure.

Umukuru w’igihugu ca Ouganda Yoweri Museveni arahakana ko ata sano riri hagati y’ihagarikwa y’iryo tegeko rihana abasangira ibitsina babisangiye yatumye mbere haba impari nyinshi mu makungu, hamwe naya nama itegekanijwe muri Reta zunzubumwe z’ Amerika ihuza ibihugu vy’ Afrika na Amerika, iyo nayo umukuru w’igihugu ca Ouganda Yoweri Museveni akaba yarayitumiwemwo. Iryo tegeko rero ryari ryatowe mu kwezi kwa Ruhuhuma, ariko abatari bake mu basanzwe bafasha ico gihugu na cane cane Reta zunzubumwe za Amerika bararyiyamirije bivuye inyuma, mbere baranahagarika n’imfashanyo bahora baha ico gihugu. Mu kwezi kwa Mukakaro, Reta ya Obama yarafatiye ibihano ico gihugu, ndetse iranabuza ingendo zo mu gihugu ca Amerika.

Yoweri Museveni rero mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru ku munsi wa gatandatu, yavuze ko yamaze gutegura kugenda i Washington. "Iryo tegeko rero ryahagaritswe ku munsi w’ejo hahise, ariko ryahagaritswe nari naramaze gutegura kuja i Washngton. Ivyo rero nta sano bifitaniye n’urwo rugendo rwanje."
Umwe mu pasitori Yitwa Martin Ssempa, umwe mu basanzwe barwanya bivuye inyuma ivyo guhuza ibitsina ku babisangiye, yiyamirije iyo ngingo yo guhagarika itegeko kubera ko igihugu kiremewe n’amakungu. Mbere abona ko ari uburyo bwo gushaka kwiyerekana neza mu makungu, imbere y’uko iyo nama ihuza ibihugu vy’ Afrika na Amerika itangura.


Floxella Karire

Messages

  • MBE KO YANKA KWEMERA KANDI TUZI KO YATINYE IBIHANO
    IMFASHANYO NI IBINDI BOMUHA ARIKO UMWANA WUBWENGE AGAYA ARYA
    NGICO ICO ARUSHIJE ABARUNDI

  • Ewe, nabaDD nabonene barava i Washington bemeye guhindura ingedo atarivyo naho ntibazosubirakubona ayo biba

  • ese umukuru wa ba dd peter yovayo yemeye ko atazosubira kw’itoza.hamwe no kureka abantu bakigenga

  • Zamuritondera ivyo mushikiriza ,kuko uburundi si ubuganda,reka rero kugereranya ibintu bidafitaniye isano!,ba mwubaha umukuru w’igihugu cacu kuko,numugabo w’abagabo.naho atokwitoza hariho abazitoza kw’izina ry’umugambwe kandi ico mwomenya n’uko CNDD-FDD itegerezwa gutsinda!.kabiri nka mbere basha!.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.