Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ouganda :Umuyaya yagirizwa guhohotera umwana yemeye icaha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ouganda :Umuyaya yagirizwa guhohotera umwana yemeye icaha

Ouganda :Umuyaya yagirizwa guhohotera umwana yemeye icaha

lundi 8 Kigarama 2014

Umuyaya yabonetse ku masanamu ariko ahohotera akana k’imyaka hafi ibiri yarashinzwe kurera ,yiyemereye icaha yagirizwa, ico naco agashobora kugifungirwa imyaka igera kuri 15 .

Uwo mukozi yemeye ico caha co kumugirira nabi kuko n’amasanamu agaragaza ako kabi kabishe yagiriye uwo mwana kuko se w’uwo mwana yari yashizeho mu nzu ca Cuma gifata amasanamu akaba ariho bashoboye kubona ingene ahohotera ako kana k’agakobwa k’imyaka ibiri . Ico caha rero agashobora kugifungirwa imyaka igera kuri 15.

Tubibutse ko ayo masanamu yababaje abagiye bayaherekanwa ku rubuga ngurukanabumenyi. Muri ayo masanamu, uwo muyaya yitwa Jolly Tumuhirwe aboneka akubita amakofi akomeye uwo mwana ,amukororera hasi, atera uwo mwana imigere, akamuhonyora,amukubitisha itoroshi maze akamuvana muri salon uwo mwana ameze nk’uwataye ubwenge kuko bitari bigikunda n’uko arira.

Tukabibutsa ko uwo muyaya yavuze ko icatumye akora ako kabishe vyatumwe n’uko se yari ku mpfiro asaba abamukoresha amafranga yo kurungikira nyina kugira avuze se akamwima, ikindi nuko batari babanye neza na inabuja aho ngo yakunda kumutukagura amwagiriza ubusuma n’ibindi.


Floxella karire

Messages

  • Arko ga yemwe n’ibara nahanwe arabikwiy kand mu buganda ho ngra ubutungane buracizewe n’abanyagihugu!

  • jolly tumuhigwe igihano cimyaka15 kirarenze kandi yasavye imbabazi nibamupungurize bagire imyaka3 5 abavyeyi bumwana nabo nibatsinde ishavu bamutabarize kubacamanza muricocaha habemwo ivyiza kuruhande gwabamwe

  • Abavyeyi barakwiye kwama bavugana na abakozi babo kugira baganire ibazo bafise kugira babitorere inyishu!nayahandi abana baracafashwe nabi!ikindi naco nukumenya inyungu yuwundi utagaye icari!

  • Niyomale; uti 15 ni mike?????? mbega umuntu yubahuka gukubita umwana ata caha afise kurya yabikoze, ubona ari ibisanzwe??????Uwo muyaya nta mutima afise ni igikoko!ahubwo bari bakwiy kubanza kumugira kurya yagiz karya kana, aratomboye k bakuyeho igihano c’ukwica

  • 15 ans simyinsh ntaco kuvyo yakoze ahubw numwicanyi!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.