Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ouganda : Uruhigi ku bikekwa gufasha abahuza ibitsina babisangiye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ouganda : Uruhigi ku bikekwa gufasha abahuza ibitsina babisangiye

Ouganda : Uruhigi ku bikekwa gufasha abahuza ibitsina babisangiye

samedi 5 Ndamukiza 2014

Igipolisi co mu gihugu c’Ubuganda cagiye gusaka nw’ishirahamwe risanzwe ryishinze kurwanya umugera wa Sida, kikaba kiryagiriza kuba giteza imbere urwaruka ruhuza ibitsina n’abo babisangiye.

Inyuma y’aho igihugu cemeje itegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye mu kwezi kwa Ruhuhuma 2014, uruhigi kuboba bafasha abahuza ibitsina babisangiye rwatanguye.
Igipolisi caragiye gusaka ishirahamwe rifasha abagendana umugera wa Sida, kikaba cafashe umuntu umwe, uwo nawe akaba yagirizwa kuba yoba ari mu bantu bakwiragiza iyo nyifato yo guhuza ibitsina n’abo babisangiye ku rundi rwaruka, nk’uko bivugwa n’umukuru w’igipolis co ngaho i Kampala, Senkumbi.

Itegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye amakungu yararyimirije bimwe biboneka, hamwe mbere batera ubwoba ico gihugu ko imfashanyo zigiye guhagarara, ariko umukuru w’igihugu ca Ouganda Yoweri Museveni arakomera kw’ibanga. Aha twovuga nk’umunyamabanga mukuru wa Reta zunzubumwe za Amerika John Kerry, aho mbere yarigereranya nk’amategeko yandi yo kw’isi y’ikumirana, nko mu bihugu vy’ubudagi kuri Hitler hamwe no mu gihugu ca Afrika y’epfo.
Mwomenya rero ko iryo shirahamwe ryagiye gusakwa n’igipolisi ryitwa le walter Reed Project risanzwe rifashwa n’abanamerika rikaba mbere ryari ryaraguye ibikorwa ,ubu rikaba ryari risigaye ryitaho n’izindi ndwara .


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.