Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ould Abdel Aziz yatowe kurongora ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ould Abdel Aziz yatowe kurongora ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika

Ould Abdel Aziz yatowe kurongora ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika

jeudi 30 Nzero 2014

Yatowe kurongora ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu nama yari ikoranye igira ya 22 y’abakuru b’ibihugu bo mu karere ka Afrika, ku cicaro c’iryo shirahamwe i Addis Abeba.

Ould Abdel Aziz, umukuru w’igihugu ca Mauritanie akaba ariwe yatowe kuri uno munsi wa kane, igenekerezo rya 30 Nzero 2014 kurongora ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu kiringo c’umwaka. Akaba aje gukorera mu ngata umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Hailemariam Desalegn yari amaze umwaka nawe atwaye iryo shirahamwe kuva mu 2013.

Mw’ijambo ryo kwakira Ould aje kumukorera mu ngata, Hailemariam yahahora akaba yashimiye abamufashije bose mu gushitsa imigambi yari yateguwe kurangurwa gushika ikiringo ciwe kirangire. Ati : "Ndanezerewe no kubona twarashoboye kurangura imigambi iboneka muyari itegekanijwe yose gukorwa. Imwe muriyo akaba ari imigambi ijanye n’amahoro n’umutekano".

Ould Abdel Aziz, nawe akaba yashimye ivyaranguwe na mugenzi we mu mwaka wose w’2013, akaba yemeye ko agiye kubandanya gushigikira umugambi w’amahoro, w’iterambere rusangi muri Afrika, yongera kandi agarukire biboneka ibihugu biri mu ngorane.


Bukuru Mariella

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.