Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pakisitani: Igitero ku modokari y’AbaShia
Pakisitani: Igitero ku modokari y’AbaShia
dimanche 30 Kigarama 2012
Abantu cumi n’icenda baguye mu gisasu caturikiye mu bumanuko bushira uburengero bwa Pakistan mu mabisi yaratwaye abaShia bari mu birori vyeranda
Abandi benshi bakaba bakomeretse. Ico gitero cabereye mu ntara ya Balochistan.
Bus imwe yaguye muri ico gitero irasha yose.
Abo baShia bari bagiye hafi y’umupaka wa Pakistan na Iran mu rugendo rweranda.
Abanyamakuru bavuga ko mu mwaka uheze habaye ibitero nk’ivyo ku baShia bigizwe n’abahezanguni b’abaSunni bari muri Pakistan.
Mugisha Van Naris