Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pakistan : Abantu 30 bahitanye n’igisasu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pakistan : Abantu 30 bahitanye n’igisasu

Pakistan : Abantu 30 bahitanye n’igisasu

dimanche 29 Nyakanga 2013

Igisasu caturikiye mw’isoko mu gisagara ca Peshawar mu buraruko bushira ubuseruko bwa Pakistani cahitanye abantu bashikamirongo itatu na batatu (33) abandi benshi barakomereka.

BBC dukesha iyi nkuru imenyesha ko igipolisi kivuga ko ico gisasu caturikiye mw’isoko rya Kissa Khwani, amaduka n’imiduga birasha.
Ico gisasu gikurikiye ibindi bibiri vyaturitse mu ndwi iheze bihitana abantu bashika mirongo umunani (80) kw’isengero riri mu gisagara.

Kuwa gatanu w’iyi ndwi iheze abantu bashika cumi n’indwi (17) barishwe igihe imodoka yari itwaye abakozi ba Leta yaturikiramwo igisasu hafi y’igisagara ca Peshawar.

Ico gisagara ca Peshawar niwo muji mukuru w’intara ya Khyber Pakhtunkhwa, ukaba muri ino myaka ubangamiwe n’ibitero vyinshi vy’ibisasu, bikavugwa ko biterwa n’abarwanyi b’aba Taliban.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.