Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pakistani: Abantu Mirongo Itandatu Na Batatu Barishwe Mu Gitero Ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pakistani: Abantu Mirongo Itandatu Na Batatu Barishwe Mu Gitero Ca (...)

Pakistani: Abantu Mirongo Itandatu Na Batatu Barishwe Mu Gitero Ca Bombe

dimanche 17 Ruhuhuma 2013

Igipolisi c’igihugu ca Pakistani, catangaje kw’abantu mirongo itandatu na batatu bishwe, abandi bagera ku majana abiri barakomereka, mu gitero ca bombe, carondera aba Shi’ites, mu bumanuko bushira uburengero, bw’igihugu ca Pakistani.

Umutegetsi akomeye w’igipolisi yatangaje ko bombe yaturikijwe, ejo ku musi wa gatandatu, mu gice kigwiriyemwo aba Shi’ites, mu gisagara ca Quetta.

Yamenyesheje ko benshi mu bapfuye, n’abakomeretse, bari aba Shi’ites, kandi kw’abapfasoni n’abana bari mu bishwe.

JPEG - 19.6 ko

Umuvugizi w’umurwi w’aba Sunnis, Lakshar-e-Jhangvi, yatangaje kw’uwo murwi wiyitiriye ico gitero ca bombe.

Ico gitero cabaye, ejo ku musi wa gatandatu, nico gitero cihaye inkumbi kurusha ibindi bitero, mu gisagara ca Quetta, kuva ibitero vy’amabombe, vyabaye kw’italiki cumi z’ukwezi kwa mbere, mu gice kigwiriyemwo aba Shi’ites, co muri ico gisagara, bihitanye abantu mirongo icenda na babiri. Umurwi, Lashkar-e-Jhangvi wariyitiriye ivyo bitero.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.