Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pakistani: Amatora rusangi yaranzwe n’ubwicanyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pakistani: Amatora rusangi yaranzwe n’ubwicanyi

Pakistani: Amatora rusangi yaranzwe n’ubwicanyi

dimanche 12 Rusama 2013

Muri Pakistani biriwe ku musi wa gatandatu mu matora rusangi nyuma y’ukwiyamamaza kwaranzwe n’ubwicanyi hirya no hino mu gihugu.

Ubwo bwicanyi bwabandanije kuri uwo munsi w’amatora, igipolisi mu gisagara ca Karachi kikavuga ko abantu cumi n’umwe bishwe abandi mirongo ine barakomereka igihe haturika igisasu imbere y’ibiro vy’umugambwe, Awami National Party.

Umuntu umwe yarahasize ubuzima mu kurasana kwabereye imbere y’ibiro vy’amatora biri hafi y’urubibe na Afghanistan.

Abandi bantu bakomerekeye mu kindi gitero cabereye mu gasagara ca Peshawar.
Ariko umugwi ujejwe gutegura amatora uvuga ko amatora yitabiriwe ku buryo bushimishije naho aba Taliban bari bagabishije ko baza gukora ibara.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.