Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pakistani: Ikinyamugigima gikomeye cahitanye abantu mirongo itatu na bane (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pakistani: Ikinyamugigima gikomeye cahitanye abantu mirongo itatu na bane (...)

Pakistani: Ikinyamugigima gikomeye cahitanye abantu mirongo itatu na bane barenga

mercredi 17 Ndamukiza 2013

Ikinyamugigima gikomeye carabereye mu ntara iri ku rubibe, hagati y’ibihugu vya Irani na Pakistani, gihitana abantu mirongo itatu na bane barenga, ku ruhande rw’igihugu ca Pakistani.

Ikigo ca Amerika gikwurikirana ibinyamugigima, catangaje ejo ku musi wa kabiri, kw’ikinyamugigima co ku musi wa kabiri cari gifise inguvu ziri ku rugero rw’indwi n’ibice umunani, kikaba cari kimwe mu binyamugigima bikomeye cane ,mu karere mu kiringo c’imyaka mirongo ine irangiye.

Ico kigo catangaje kw’ico kinyamugigima cabaye, isaha icenda n’iminota cumi n’ine zo ku muhingamo, mu masaha yo mu gihugu ca Irani ,hafi y’ibisagara vya Irani vya Khash na Saravan, mu ntara za Sistan na Baluchestan.

JPEG - 24.3 ko

Buramatari w’intara, Hatam Narouyi, yabwiye ibinyamakuru, radiyo na televiziyo vy’igihugu ca Irani, kw’ata bahasize agatwe, muri iyo ntara mu gihe ico kinyamugigima cashimikiye mu gice kitabamwo abantu benshi.

Hatem Narouyi, avuga kw’abantu batari bake bakomeretse barungikwa mu bitaro.

Amakuru ya mbere yari agoye gusuzuma, kubera akarere ico kinyamugigima cabereyemwo kari kure cane.

Abategetsi b’igihugu ca Pakistani batangaje, kw’amazu majana n’amajana yasenyutse mu ntara ya Balochistani.

Bavuga kw’abantu mirongo itatu na bane bishwe, abandi mirongo umunani barakomereka mu gice ca Mashkal.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.