Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pakistani:Umunyapolitike yagandaguwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pakistani:Umunyapolitike yagandaguwe

Pakistani:Umunyapolitike yagandaguwe

dimanche 19 Rusama 2013

Zahra Shahid Hussain, icegera c’umuyobozi wa PTI, yarashwe n’umuntu yari kw’ipikipiki amusanze imbere y’inzu yiwe.

Urwo rupfu rwiwe rubaye mu gihe buca haba gusubiramwo mu gice gito kutumvikanwako na bose, amatora yabaye ku munsi w’Imana.
Impamvu z’iyicwa ryiwe ntiziramenyekana.

Umukuru wa PTI Imran Khan, yigeze kuba umukinyi rurangiranwa wa Cricket, yakitse umukuru wa MQM Altaf Hussain asanzwe aba i Londres, yaronse amajwi menshi gusumba abandi muri Karachi.

Ariko umugambwe MQM wabihakanye wivuye inyuma.
Umushingantahe Khan yavuze ko Hussein yari yateye ubwoba ku mugaragaro abakozi n’abategetsi b’umugambwe PTI, abicishije ku nsamirizi.

Avuga ko yamaze kugabisha n’ubwongereza ku bikorwa vy’abayobozi ba MQM.
Umugambwe MQM wateye ivyatsi ubwo bwicanyi, uvuga ariko ko amajambo ya Imran Khan yayavuze atakoresheje umutima nama.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.