Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pakistani: Umushingwamanza yatohoza ivya Benazir Bhutto yishwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pakistani: Umushingwamanza yatohoza ivya Benazir Bhutto yishwe

Pakistani: Umushingwamanza yatohoza ivya Benazir Bhutto yishwe

vendredi 3 Rusama 2013

Umushikirizamanza yagira amatohoza kubijanye n’urupfu rw’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere muri Pakistani, Benazir Bhutto yapfuye igenekerezo rya 27 Kigarama 2007, yishwe uno munsi ku wa gatanu, igenekerezo rya 3 Rusama 2013, aho yaragiye m’umubonano w’uwurubanza muri sentare igwanya abihevyi nkuko bimenyeshwa n’igipolisi co muri Pakistan.

Chaudhry Zulfiqar yariko aratwara umuduga agiye muri sentare irwanya abihevyi y’i Rawalpindi ahahoze ari umurwa mukuru w’igihugu ca Pakistan, igihe yaraswa amasasu cumu na biri, arashwe n’abicanyi bari ku mapikipiki, mw’ibarabara risanzwe ricamwo cane abantu, mu gisagara gisanzwe kibamwo abategetsi b’ico gihugu. Ayo masasu yahitanye kandi n’umukeneyezi umwe yararenganye ariko uwahora acungera ubuzima bwa Chaudhry Zulfiqar we ntaco yabaye yarakomeretse gusa.

Uwo mushingwamanza ahejeje kuraswa, yaciye ajanwa ku bitaro, ari naho yaciye yitabira Imana.
Ku makuru duhabwa n’intumwa idasanzwe y’imboneshakure y’Ubufaransa, Chauldry Zulfiqar yakora amabanga menshi ahambaye, haba ay’igihugu, haba ayavuga ivy’ubundi buzima busanzwe.Yakora cane ku mabanga ya FIA (la Federal investigation agency), iyo nayo ikaba ikora nk’igipolisi kidasanzwe co muri Pakistan.Yakora kandi ku mabanga menshi ajanye n’inyonora ry’amatungo, aho mbere yahangana n’ibihugu bidasanzwe.

Kubijanye naho nitohozwa ry’urupfu ry’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Benazir Bhutto, inyuma y’imyaka itanu y’urupfu rwiwe, nta numwe aragirizwa. Umuhungu wiwe, Bilawal Bhutto Zardari, w’imyaka 24,akaba ari nawe asigaye arongoye imyiyamamazo y’amatora ya PPP, yirinze amahuriro kubw’imvo z’umutekano muke muri ico gihugu.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.