Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PAM : Imiriyoni 107 z’amadorari zirakenewe mu kugarukira abanyacentrafrika (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > PAM : Imiriyoni 107 z’amadorari zirakenewe mu kugarukira abanyacentrafrika (...)

PAM : Imiriyoni 107 z’amadorari zirakenewe mu kugarukira abanyacentrafrika bari mu ntambara

jeudi 2 Nzero 2014

Ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’ibifungurwa PAM (Programme Alimentaire Mondial) ryamenyesheje ko rigiye kwongereza inguvu mu mezi umunani agiye kuza mu gutanga imfashanyo igizwe n’ibifungurwa mu gihugu ca Centrafrika ku bantu bagera ku muriyoni umwe urenga.

Mu gihe bivugwa ko abagira neza batakironka uburyo bwo gufashisha abari mu ngorane, ishirahamwe PAM ryo rivuga ko rigiye kwongereza inguvu mu gutanga imfashanyo ku banya Centrafrika bari mu ngorane muri bino bihe igihugu cabo cugarijwe n’intambara.
Denise Brown arongoye ishirahamwe PAM mu karere ka Afrika y’uburengerazuba akavuga ko bakeneye imfashanyo mu maguru masha kugira bagarukire abashikiwe n’amakuba bagateshwa izabo bivuye ku ntambara iriko ibera muri centrafrika. Amafaranga agera ku miriyoni 107 y’amadorari akaba ariyo asabwa gushika mu kwezi kwa Myandagaro kw’umwaka w’2014 kugira bashobore gufasha impunzi z’abanyacentrafrika zirenga umuriyoni.
"Duhamagarira abo bose berwa na kino kibazo kwihutira kugira ico bakoze kuri abo bari mu ngorane bakeneye imfashanyo", ivyo ni ibishikirizwa na Denise Brown.

N’aho umutekano utifashe neza mu gihugu ca Centrafrika muri kino gihe, ishirahamwe PAM ryifadikanije n’abo bafashanya mu kurangura imirimo yaryo, ryarashoboye gufasha mu gihugu ca Centrafrika abantu barenga ibihumbi 237 kuva kw’igenekerezo rya 5 Kigarama 2013. Muri rusangi rikaba ryaratanze ibifungurwa ku banyagihugu b’i Bangui bagera ku bihumbi 17, ibihumbi 41 500 bandi b’i Bossangoa hamwe n’abagera ku 21 500 b’i Bouar.

Mwomenya ko kuva muri kuno kwezi kwa Nzero gushika mu kwezi kwa Ndamukiza 2014, ishirahamwe PAM ryiyemeje kuzofasha abantu bababaye cane gusumba abandi, na cane cane abana bari munsi y’imyaka itanu mu kurwanya ugufungura nabi.
Kuva mu kwezi kwa Rusama naho gushika mu kwezi kwa Myandagaro, ishirahamwe PAM rikavuga ko rizoba rishobora gufasha abatari bake bakeneye gufashwa narirya n’umwimbu wagabanutse muri ico gihugu.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.