Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Papa Benedigito wa XVI yamenyesheje ko azotanga imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Papa Benedigito wa XVI yamenyesheje ko azotanga imihoho

Papa Benedigito wa XVI yamenyesheje ko azotanga imihoho

lundi 11 Ruhuhuma 2013

Papa Benedigito wa XVI,umwungere wa Ekleziya katolika yamenyesheje ko azotanga imihoho kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma ku mvo z’amagara yiwe .

Nk’uko yabimenyesheje,ngo amaze kwiyumvira n’ubwenge bwiwe bwose imbere y’Imana incuro zitari nke avuga ko atagifise inguvu zikwiye kuko zigenda ziragabanuka uko iminsi igenda, nawe nyene atera asaza, abona ko atagishoboye kurangura neza amabanga yiwe yo kurongora Ekleziya katolika.

JPEG - 8.1 ko

Ngo arazi ko ibanga ryiwe ategerezwa kurirangura abicishije mw’ijambo ry’Imana hamwe no mu bindi bikorwa bijanye n’imibabaro no gusenga. Muri ino minsi hari ibintu vyinshi vy’inkora mutima bisaba ko umuntu akomera mu mpwemu no mu mubiri, ngo kubw’ivyo muri ino minsi arabona ko umubiri wiwe ata nkomezi ugifise ku buryo atagishoboye kubandanya ibanga yiyemeje.

Tubibutse ko Papa Benedigito wa XVI yari yinjiye muri ayo mabanga igenekerezo rya 19 Ndamukiza umwaka w’2005 akaba yamenyesheje ko azotanga imihoho igenekerezo rya 28 ruhuhuma uno mwaka.

Papa Benedigito wa XVI niwe mu Papa wa mbere w’umudagi yabonetse inyuma y’igihe cababa ikimpumbi


Grace Irimbere

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.