Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Papa Francois aritezwe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Papa Francois aritezwe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Papa Francois aritezwe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika

mercredi 16 Nyakanga 2015

Umwungere wa Ekleziya katorika Papa Francois aritezwe mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu mpera z’ukwezi kwa Nyakanga.Mu majambo 18 azoshikiriza,amajambo ane yonyene niyo azovuga mu rurimi rw’icongereza.

Mu majambo papa Francois azovugira ku ngoro y’umukuru w’igihugu ca Amerika no mu nama nshingamateka,niyo azovuga mu rurimi rw’icongereza.

Papa Francois afise imyaka 78 y’amavuko afise ibikorwa vyinshi azokorera aho muri Amerika kuko azohashika kw’igenekerezo rya 22 Nyakanga ahamare iminsi ibiri,mu gisagara ca Washington,ahejeje kugendera igihugu ca Cuba.

Inyuma y’urugendo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika,azokwitaba kandi inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gisagara ca New York,imbere yuko asubira I Roma mu Butariyano kw’igenekerezo rya 27 Nyakanga 2015.


Van Naris Mugisha

Messages

  • papa arahanura oboma yubahe imana namategeko yayo akure ikintu cokwabiranisha abahuje ibitsina.imana iranka abakurako canke abongera kuco imana yavuze.

  • none?uroza mubirundi ryari

  • Nagende Arabe Neza Muvyo Azovuga Ntashits Ubuhanuzi Kuko Ni Danger!!

  • azosengere obama ahinduke areke guteza ibibazo muburundi uzobukoze papa wacu

  • Agiye Gusabako Dimanche Yubahirizw Kwisiyose Ashitse Ubuhanuz Bwo Muvyahishuriw Yohana.

  • None papa niba arumtkozi wimana nabuze obama akurefho ukwabirana kwabagabo kubandi nakamaramaja nigiko.ko vyukuri nkuko bibiria ibivuga mugitabo civyahisue yohani havugahati igice 11_19?icogitabunyene kivugagiti 12_17?14_12? 12_17:usome ivyobice vyose hama usabe imana muremyi wavyose agutahuje?

  • nashishikare gukwiza inkuru nziza hos

  • Muragabe Imbere Siheza Ntakindi Gituma Papa Arko Arirukanga Vu Nukugira Ngwasohoz Dimanche Isabato Ikugweho Burundu Mubigenzure Mwitonz Hama Mufate Umwanzuro.

  • Muragabe Imbere Siheza Ntakindi Gituma Papa Arko Arirukanga Vu Nukugira Ngwasohoz Dimanche Isabato Ikugweho Burundu Mubigenzure Mwitonz Hama Mufate Umwanzuro.

  • BENE DATA , BASHIKI BANJE : Mwibuke amajambo dusanga muri Daniel 7:25 . Ico Papa aguma aja gusaba aho muri amerika mwibaza ko ari ibiki? muvyukuri uravye isi igeze kumusozo. ntakindi kimujana atari gusaba ko boshiraho itegeko rigenga amashengero ivyo bigira bibe biraboneka ko ari bwa buhanuzi dusanga mu gitabu c’ (ivyahishuwe 13:15) muhasome mutahure neza ukuntu (let zunz ubmwe za amrka)zigira zitange ijambo kumashengero menshi cane y ’abaprotestante kuvyerekeye ubukungu bw’isi nabo bazoca bafata ingingo yo gusinya ko bosenga umusi umwe , gukoresha ifaranga rimwe , kuringaniza uruvyaro no kwiyamiriza abarwanya ivyo bintu mu kubagirizako ari abansi b ’ amajamber . nne rro musenge cane kko turi mumahenuka y’ibihe !!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.