Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Papa Francois yahagurukiye abasenyeri banyegeza abahohotera (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Papa Francois yahagurukiye abasenyeri banyegeza abahohotera (...)

Papa Francois yahagurukiye abasenyeri banyegeza abahohotera abantu

jeudi 11 Ruheshi 2015

Ku ncuro ya mbere, umwungere w’ishengero katolika, Papa Francois, yashizeho ibiro bishasha bizocira imanza abasenyeri banyegeza abihebeye Imana bahohotera abantu mu kubashurashuza.

Umuvugizi w’ibiro vya Papa Francois , Federico Lombardi, yavuze ko ubu hariho uburyo budasanzwe bwo guhana abihebeye Imana batazohangana n’iryo hohoterwa.

Mw’ ishirahamwe ry’abahohotewe rifise icicaro muri Reta zunze Ubumwe za Amerika, rivuga ko ivyakozwe na Papa Francois ata kamaro kanini bifise kandi ko bije bitevye.

Iryo shirahamwe ryavuze ko Papa yari kuba yarirukanye abasenyerei benshi rivuga ko babigizemwo uruhara.

Uwundi mugwi ugizwe n’abahohotewe, wabajije ingene ibiro vya Papa i Vatikano vyohana abareka ivyaha nk’ivyo bigakorwa, mu gihe bari mu nzego zo hejuru za Vatikano nyene.

Messages

  • es’ubundi mwari murinz’iki ngo bikorwe?hera m’uburundi turabe!

  • es’ubundi mwari murinz’iki ngo bikorwe?hera m’uburundi turabe!

  • igikoko caditswe mu vyahishuriweyohana ?

  • Uwohora imbwa gusutama yozimara zose!!
    Ni bafume babareka barongore basi aho kubikora binyegeje

  • Emwe Nakosore Ntamwana Na Ngoyagoye Bo Bagiye Kw,isonga Mukuvuga Ko Bokwikurako Gutwarwa Nkabaja Nurya Mupatiri Yasomy,imisa Y,inkehwa Zo Muri Mediterane None Raba Ivyo Mwababwiye Babayobotse Gira Ico Mukoze Bave Mw,ibarabra Bareke Guturira Imiduga Yabene Burundi

  • Ivyo nibiteye isoni kubantu nkabo,mbega babategekanirije ibihano nyabaki?mumategeko yarakwiye kwirukanwa agaca ashikirizwa ubutungane,irishengero niryamanyanga pe!ejo le 11/6/2015 patiri mukuru wa paluwasi ya nyanza-lac yasomeye misa mungoro yumugambwe cndd fdd kumutumba wa bukeye afadikanije numwungere wishengero rya Eusebu nabandi pastor ngo muntumbero yugusengera amatora mwumva ari abakorerimana canke abanyapolitike?

  • Masumbe Nagira Nkubwire Uwo Yafatanije N.Abandi Gusenga Ntacaha Yakoze Nkurya Wo Kuwa Mungu Muri Katedrale Regina Mundi Basengeye Amatora Banka Ubwicanyi Bwabadashaka Amatora N,intwaro Z,amagaburanyama Naw,urimwo

  • Umuntuwese akwiye kwiraba kukatwe kiwe ntitwihute gucimanza.yezu bamubavye bamwagiriza gucumura

  • Huuumm, hanyuma baka duhenda ngo aba senyeri na ba padiri ngo ntiba rongora ; ego mama wumukondo

  • Eeh! Ubuhanuzuburiko burasohor ivyo vyarahanuw k bizoshik! Harakurikir ikimenyetso muruhang! bakundw ncutizimana nigihe canyum mwubah’IMANA muyiseng kuk igihe kiregerej

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.