Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Papa Francois yahojeje ababuriye i Maka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Papa Francois yahojeje ababuriye i Maka

Papa Francois yahojeje ababuriye i Maka

vendredi 25 Nyakanga 2015

Umwungere w’ishengero Katolika kw’isi Papa Francois yahojeje imiryango y’abaislamu baburiye ababo,mu rugendo rweranda mu gisagara ca Maka,kuwa ane igenekerezo rya 24 Nyakanga 2015.

Mu rugendo arimwo mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, umwungere wa Ekleziya Katorika yahojeje ababuze incuti n’imiryango yabuze abayo mu gihugu ca Arabie Saoudite.

Abantu barenga gato amajana indwi nibo bapfuye n’abarenga amajana umunani bakomeretse mu misunikano bagerageza gutera amabuye igishusho ca satani.

Papa Francois yavuze ko ishengero katorika yifatanije nabo mu mubabaro barimwo.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Vraiment imana abakire mubwami bwayo

  • Yayaya! Birababaje kandi biratey’agahinda.Nibihangane! Mbe hoho Setani bamuter’amabuy bamuhur,iki? Nawe yaraberetse ko adaterya amabuy.Iyo bamutera amasengesho,ntaco bari kuba!

  • Mwese Ntabwenge Ahubwo Iyo Mupfa Wakabaho Warabonye Amabuye Ategwa Shetani? Atari Amasengesho? Ikangure mwebwe musinziriye muve mwubwo bujuju imaka nahantu nkahandi ntacotuma abantu bahapfira namba uwabigishije yarabaroze pe! mwihane muhindukire

  • Burya ico utazi urabaza canke kubaza gutera ukumenya nayo kuvuga ayamuhe kubitakuraba uba werekany neza kataco uramenya ahubwo ukeney kwigishwa

  • nibihangan arik birababaje kubona hafuy abantu bangana uko

  • jewe mbaje gushimira uwo mwugere wa ekelizia cathorque papa françois ukugene yahojeje abamizilima baburiye ababo imaka murugendo barimwo, nivyiza kwifatikanya naba isilamu kuko nabo harigihae bahora banja murugendo gw’irudi imugera nabo vyahora bibashikira abakiristu bagapfirayo none nabo vyaribijuju?ntibigishijwe canke ko bataguma imuhira bemera kuja gusengera imugera,nimba aba isilamu bagenda imaka bagatera icogishusho amabuye nibisigura ko bandasenga!kirya nincibutso,abapfuye niwomusi wabo naho batarikunja maka barigupfa!!hahaa

  • SATANI BAMUTERA AMABUYE KANDI ARIWE ABAYOBORA. MURABURE KWIHANA YES’ ABAGWANIRIRE MWORWANA NIMPWEMU MBI MUHAGAZE MUMUBIRI?

  • Imana ibakire mu bwami bwayo ameen ameen ameen,hanyuma abo bavuga ati bikangure satani ntaterwa amabuye ntagitangaje kirimwo ntimwize bible kandi utabazi ubimenye uyo nyene baba niwe ahagarariye satan mubantu 10bambere kwisi arimwo !!!ikibazo abantu mukoresha amajambo yo gutakaza abandi:"uno munsi turi muri 2015 batubira ko batanguye guharura imyaka yesu avutse "mbe batanguriye kuri 25decembre?mbe yesu avuka imyaka yose akichwa imyaka yose?akazuka imyaka yose?subira kwishure wige bible uzosango bija baja gukora imaka bakurikiza ibiriyo kandi vyabaye kuntumwa y’imana mureke kuza muvuga mutabanje kwiyumbira muze urabaza plz isi igeze habi twese tuva hamwe tugeragaza kurondera imana nyayo so ja kubaza kubera ubwenge burarutana !ugiye kubaza papa wew uragiye imana ibagire ikigongwe abavuze nabi bose ameen

  • Mwebwe Muvuga Ivyo Mutaz Muraz Impamvu Ituma Bahatera Amabuye?Muragenda Mubanze Muvyige Hanyuma Muvuge Ivyo Muzi?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.