Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Papa Fransisiko arageramiwe bidasanzwe n’abarondera inyungu zabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Papa Fransisiko arageramiwe bidasanzwe n’abarondera inyungu zabo

Papa Fransisiko arageramiwe bidasanzwe n’abarondera inyungu zabo

jeudi 14 Munyonyo 2013

Amakuru ava i Roma ahari icicaro ca Papa, amenyesha ko papa Fransinsiko ageramiwe bidasanzwe n’umurwi w’aba mafia, umurwi munini usanzwe urondera inyungu zawo mu vy’ubutunzi, nk’uko bishikirizwa n’umushikirizamanza w’i Roma.

Aho ni kuva igihe Papa atangurije isekeza ryo kurwanya abakora ibitabereye, mu kudakorera ku mugaragaro mu bijanye n’itunganywa ry’amafaranga, kugira bironderere inyungu zabo mu vy’ubutunzi. Abo nabo s’abandi, n’abari mu murwi munini wa mafia, akaba yaranabahamagariye guhinduka mu nyifato no mu mutima.

Ku bw’umushikirizamanza w’i Calabre, Nicola Gratteri, Papa ntiyoroheye abahagariye umurwi wa mafia. Iyaba bafise ubushobozi, bumugiriye nabi. N’ubu ntagahengwe bamuhaye kuko baguma bashaka kugira iterabwoba kuri we. Bikaba vyashikirijwe mu gitondo co kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 13 Munyonyo 2013, mu kinyamakuru gisohoka iminsi yose, Il Fatto. Uwo Gratteri, n’umucamanza w’incabwenge wa Ndrangheta, yemewe gose mu kurwanya abamafia b’i Calabre, aho biganzuriye agace kose. Kuba rero yatanganje ko papa ageramiwe n’aba mafia, bikaba vyahungabanije abatari bake, kuko bari bazi ko uwo Gratteri ariwe yohumurije abantu na rirya asanzwe ari muntu wa mbere ashoboye gukandamiza abo ba mafia.

Nk’uko vyashikirijwe n’uwo mucamanza nyene, itegeko papa yatanze ryo gukorera ku mugaragaro mu gukora ibikorwa bibereye ku kigo c’abamafia. I banki y’i Saint-Siege, niyo yatumye abahagarikiye umurwi wa mafia ushavura. Uwo mucamanza agira ati : « Papa Fransisiko ashaka gushira ku murongo ibigo vyose biraba ivy’ubutunzi vy’i Vaticano. Aba mafia nabo, basanzwe bakorera mu vy’amafaranga atavuye mu nzira nziza, bakaba badatekaniwe ubu. Sinzi rero nimba abahagarikiye umurwi wa mafia boba bafise uburyo bwo kugirira nabi papa, ariko ndazi ko bavyiyumvirako. Ico nzi co, Papa arageramiwe bidasanzwe».

Bivurwa ko ubu ikibanza citiriwe Umweranda Petero, ikibanza gisanzwe gisagariramwo abantu isinzi baje kwumviriza Papa, kigeramiwe cane kurusha mbere n’igenekerezo rya 13 Rusama 1981, umunsi uwitwa Ali Agca yarasa Papa Yohani Paulo wa kabiri. Mwomenya ko umurwi w’aba mafia ngaho i Calabri wahatanguye kuva mu mwaka w’i 1989, ukora amasaha 24 kuri 24, ukaba ufise n’ibirwanisho bidasanzwe.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.