Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Papa yakajije amategeko ahana abashurashuza abana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Papa yakajije amategeko ahana abashurashuza abana

Papa yakajije amategeko ahana abashurashuza abana

jeudi 11 Mukakaro 2013

Umwungere wa Ekleziya Gatolika, Papa Fancis, yakajije amategeko ya Vatikano ahana abahohotera abana mu kubasambanya.

Iryo tegeko rya Papa, ririmwo ivyo Vatikano yise gusigura ku buryo bwaguye ivyaha bikorerwa abana. Ivyo vyaha birimwo gusambana n’abana canke ama reresi yerekana imibonano mpuzabitsina arimwo abana. Ukwo guhindura amategeko biraba abihebeye Imana barenga ibihumbi bitanu bakorera i Vatikano, naho icaha coba cakorewe hanze y’ico gisagara.

Itegeko rya Papa kandi ryongereza ugukorana kwa Vatikano n’amakungu ku bijanye no kurwanya iyinjizwa ry’amahera avuye mu busuma n’ayandi mabi, canke kuronsa uburyo abakora iterabwoba.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.