Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Papa yasavye Israel n’abanyapalestina ko bokwumvikana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Papa yasavye Israel n’abanyapalestina ko bokwumvikana

Papa yasavye Israel n’abanyapalestina ko bokwumvikana

lundi 26 Rusama 2014

Umwungere wa Ekereziya Gatorika, Papa Fransisiko yamenyesheje ko bitumvikana, kandi bitangaje kubona ikibazo kiri hagati ya Israel n’abanyapalestina kitaratorerwa inyishu.

Kubera umwitwarariko umwungere wa Ekereziya Gatorika, Papa Fransisiko afise kuri ico kibazo, yatumiye i Vatikano abayobozi b’impande zidacana uwaka mu masengesho yo gusaba ko amahoro aboneka.
Mu rugendo yarimwo rwamaze iminsi ibiri, umwungere wa Ekereziya Gatorika, Papa Fransisiko yasavye Israel n’abanyapalestina ko boja hamwe bagashinga Reta y’abanyapalestina yubakiye ku mwumvikano, kandi ibana mu mahoro na Israel.

Imbere y’uko asozera urwo rugendo rwamaze iminsi ibiri, umwungere wa Ekereziya Gatorika, Papa Fransisiko yarishikiye i Betelehemu, aho yari agiye gusoma imisa. Hejuru y’aho yasomeye iyo misa, abantu bari bahanditse amajambo avuga ati : "Papa, turashaka umuntu avugira ubutungane".


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.